IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Abadandaza amakara basabwa kuvuga ababatangisha igiturire

Abadandaza amakara basabwa kuvuga ababatangisha igiturire

vendredi 13 Nzero 2017

Umukuru w’igipolisi kijejwe kugenzura uruja n’uruza mu mabaraba PSR Alfred Innocent MUSEREMU asaba abazana amakara bayakuye mu ntara za ruguru,kuvuga ababaka igiturire kw’ibarabara biyita abajejwe umutekano.

Mu mubonano wahuje abaserukira abadandaza kandi bakunguruza amakara,Alfred Innocent MUSEREMU arongoye PSR yemereye abunguruza amakara kubafasha gutorera inyishu ibibazo bagira mw’ibarabara bigatuma barenza urugero rutegekanijwe mu gupakira imiduga imanukana amakara.

Abadandaza amakara bavuze ko bahura n’ibibazo iyo bariko baja mu gisagara ca Bujumbura,ivyo navyo bikaba bishingiye ahanini ku bantu babahagarika bavuga ko baba bari mu mashirahamwe arwanya urudandazwa rwa magendu,bigatuma baca bapakira imiduga barengeje kugira barabe ko bogaruza amafaranga batanga kw’ibarabara.

Inyuma y’umubonano,umuyobozi w’igipolisi kijejwe umutekano wo mw’ibarabara n’abadandaza amakara,bumvikanye ko imodoka ifise ubuhinga izopakirwamwo bivanye nuko imeze,abo badandaza amakara bakaronswa kandi inomero za telefone z’abarongoye igipolisi mu ntara no mu turere kugira babahamagare mu gihe cose bizoba bikenewe.


IGIHE

Messages

  • Abobo Bantu Biyita Bari Muma Shira Hamwe Arwanya Ibiturure Nukubarwanya Kuko Nibo Batuma Igiture Kirwira Nibabarwanye Nkuko Ino Iwacu Murumonge Babarwanije Tubifasijemwo Naburamatari Wintara Yarumonge Kwanza Twebwe Abadandaza Kuberiki Mudukengera Kandi Aritwe Dutuma Igihugu Kibaho Mukaturungikamwo Abo Bantu Batagira Niyambere

  • Igiturire ntikizohera muritwebwe, abarundi, nikintu nakurikiranye cane mubiro vyabategetsi ushitseho nibobambere batagura kukubwira, ngo utavuzeneza ahatuhatuvana, wabaza none sinavuze? acakwishura, nguko niko bavuga wa bwawe! bisigura kuvuga neza nugukorakumufuko. wa gendakuraba uwuriko agusaba igiturire numuntu ahambaye cane muri reta, nukuri barinze bagutahura kurumuntu urifise kumufuko ntubasimbana umutari, ubuhoho bageze kurugero rwogusaba igiturire camadorare ya babanyamerika, ukamengo turi murimarekani!,yemwe nibarwanye nzobambona.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.