IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Abagirizwa ugushaka kugandagura NDARUVUKANYE basabiwe gupfungwa ubuzima (...)

Abagirizwa ugushaka kugandagura NDARUVUKANYE basabiwe gupfungwa ubuzima bwose

mercredi 5 Ndamukiza 2017

Abantu babiri bafashwe bagirizwa ko aribo bashatse kugandagura Zenon NDARUVUKANYE baasubiriye kwumvirizwa na Sentare nkuru ya Mukaza mu gisagara ca Bujumbura, kuri uwu wa gatatu.

Urwo rubanza rwasasiye mu ntara ya Gitega. NDARUVUKANYE Zenon yahatswe kugandagurwa kw’igenekerezo rya 27 Munyonyo 2015.

Abo barengutse imbere ya Sentare ni Eric Ntakarutimana na Félix Ndayisenga, bompi bakaba bahoze mu gisirikare ca kera. Umwe ni umuporisi, uwundi nawe akaba ari uwasubijwe mu buzima busanzwe. Bagirizwa ko aribo bashatse kugandagura Zenon NDARUVUKANYE, umunywanyi wa CNDD FDD, yigeze kuba ari Buramatari w’intara ya Bujumbura rural.

JPEG - 58.9 ko
Igitero cakozwe ku muduga wunguruza Zenon NDARUVUKANYE

Sentare ibagiriza kandi ko bari mu murwi urwanya Reta y’Uburundi, woba urongowe na Alexis SINDUHIJE, umukuru w’umugambwe MSD.

Abo bumvirijwe na Sentare barahakana ivyo bagirizwa, bagasaba ahubwo ko borekurwa.

Sentare nayo yabasabiye ugupfungwa ubuzima bwabo bwose.

Urubanza rwabo rwashizwe mu mwiherero, ingingo ya Sentare ikazosomwa mu kiringo kitarenza ukwezi kumwe.

Zenon NDARUVUKANYE yigeze kuba buramatari w’intara ya Bujumbura rural, ubu akaba ari mu bahanuzi b’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA, akaba kandi mu nama y’inaribonye z’umugambwe CNDD FDD, yahatswe kugandagurwa n’abantu bamutegereye aho bita kuri CHANIC hafi y’ihinguriro BRARUDI, avuye muhira iwe. Umwe mu bacungera umutekano wiwe yaguye muri ico gitero.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.