Accueil > Amakuru > Ubutungane > Abagirizwa ugushaka kugandagura NDARUVUKANYE basabiwe gupfungwa ubuzima (...)
Abagirizwa ugushaka kugandagura NDARUVUKANYE basabiwe gupfungwa ubuzima bwose
mercredi 5 Ndamukiza 2017
Abantu babiri bafashwe bagirizwa ko aribo bashatse kugandagura Zenon NDARUVUKANYE baasubiriye kwumvirizwa na Sentare nkuru ya Mukaza mu gisagara ca Bujumbura, kuri uwu wa gatatu.
Urwo rubanza rwasasiye mu ntara ya Gitega. NDARUVUKANYE Zenon yahatswe kugandagurwa kw’igenekerezo rya 27 Munyonyo 2015.
Abo barengutse imbere ya Sentare ni Eric Ntakarutimana na Félix Ndayisenga, bompi bakaba bahoze mu gisirikare ca kera. Umwe ni umuporisi, uwundi nawe akaba ari uwasubijwe mu buzima busanzwe. Bagirizwa ko aribo bashatse kugandagura Zenon NDARUVUKANYE, umunywanyi wa CNDD FDD, yigeze kuba ari Buramatari w’intara ya Bujumbura rural.
- Igitero cakozwe ku muduga wunguruza Zenon NDARUVUKANYE
Sentare ibagiriza kandi ko bari mu murwi urwanya Reta y’Uburundi, woba urongowe na Alexis SINDUHIJE, umukuru w’umugambwe MSD.
Abo bumvirijwe na Sentare barahakana ivyo bagirizwa, bagasaba ahubwo ko borekurwa.
Sentare nayo yabasabiye ugupfungwa ubuzima bwabo bwose.
Urubanza rwabo rwashizwe mu mwiherero, ingingo ya Sentare ikazosomwa mu kiringo kitarenza ukwezi kumwe.
Zenon NDARUVUKANYE yigeze kuba buramatari w’intara ya Bujumbura rural, ubu akaba ari mu bahanuzi b’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA, akaba kandi mu nama y’inaribonye z’umugambwe CNDD FDD, yahatswe kugandagurwa n’abantu bamutegereye aho bita kuri CHANIC hafi y’ihinguriro BRARUDI, avuye muhira iwe. Umwe mu bacungera umutekano wiwe yaguye muri ico gitero.
IGIHE
Messages
5 Ndamukiza 2017, 17:20, par Wakera
Ndaguye Ndagarutse Nibabahane Babahashe Nabandi Bipfuza Kubigumamwo Baboneko Rutitaha. Igihugu Kirimwo Abagabo.
5 Ndamukiza 2017, 19:08, par Memantwari
Abo Bantu Bashaka Guhungabanya Umutekano Mubabike Mpaka
5 Ndamukiza 2017, 19:58, par SUGURU
ABARUNDI TWI HANGANE
5 Ndamukiza 2017, 20:42, par yver
Nn ivyonivyukuri canke nukubabeshera hama nimba aribo ntakuntu bangabaniraza imyaka kobangimana ntapfe bohanwa icokimwe nabishe?
6 Ndamukiza 2017, 10:36, par Wakera
Uwo yiyita wakera we ninde!!!! Uwo Zenon yategerewe n’imbonerakure zo muri Commune Mutimbuzi kubera atabahemvye kumabi yazituma gukorera abanyagihugu bo muri Bujumbura rural! Abo nabo bafashwe bararenganywa nibarekurwe atakirinze gusabwa!!! Iryo n’irementanya
7 Ndamukiza 2017, 21:15, par Wakera
Njewe WAKERA(alias mujeri sindumuja ) nibera kwa le gentil.
8 Ndamukiza 2017, 14:44, par Musaga
Njewe mfise ingurube yitwa WAKERA.
9 Ndamukiza 2017, 22:10, par Nininahazwe pacifique mujeri
WAKERA ni ingurube.
10 Ndamukiza 2017, 09:07, par Wakera
You guys are crazy ! In the near future you will find out who will pig or not. Thank you
10 Ndamukiza 2017, 09:09, par Wakera
In the near future you will find out who is a pig between us. Thank you guys
22 Ndamukiza 2017, 19:44, par NDAYISENGA
ABOBABONAKO BOHAGA AMARASO ASESETSE BABAHANE BIVUY INYUMA.