IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Urubanza rw’abagirizwa urupfu rwa Hafsa Mossi rwahawe irindi (...)

Urubanza rw’abagirizwa urupfu rwa Hafsa Mossi rwahawe irindi sango

lundi 26 Kigarama 2016, par Egide NDUWIMANA

Abagirizwa urupfu rw’umushingamateka Hafsa Mossi bari gusubira kwumvirizwa n’ubutungane kuri uwu wa mbere igenekerezo rya 26 Kigarama 2016, mu ntara ya Muramvya, iriko bakaba bahawe irindi sango kuko batari bafise ababafasha kuburanira. Abakurikiranwa kuri ico caha babwiwe ko bazobwirwa uwundi munsi w’ukurenguka mu butungane.

Igiporisi c’Uburundi cemeza ko cafashe kw’igenekerezo rya 21 Mukakaro 2016, abantu batatu bagirizwa ko aribo bagandaguye umushingamateka Hafsa Mossi. Mu giporisi c’Uburundi bavuga ko abo bantu bafashwe mu gihe bariko bategura kugandagura umuhanuzi wo mu biro vy’umukuru w’igihugu atavuzwe izina.

OP1 Pierre NKURIKIYE, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi, yamenyesheje ko abajejwe umutekano bamaze gufata abo bantu, haciye hakorwa isakwa ku rugo ruri muri zone ya Mutanga, muri komine Ntahangwa, hafi y’ahagandaguriwe umushingamateka Hafsa Mossi.

JPEG - 37.9 ko
Hafsa MOSSI, umushingamateka yaserukira Uburundi mu nama nshingamateka ya Afrika y’ubuseruko

Mu giporisi bakavuga ko mu matohoza bakoze, basanze abo bantu biyemerera ko bahabwa amategeko n’uburyo bwo kugandagura abantu babwiwe, mbere OP1 Pierre NKURIKIYE akavuga ko abo bafashwe biyemerera ko ayo mategeko n’uburyo bw’ukugandagura abantu babihabwa n’umurwi w’abantu bari i Kigali mu Rwanda, basanzwe bakorana n’abo bafashwe.

Abo bagirizwa kugandagura umushingamateka Hafsa Mossi hamwe n’uguhungabanya inzego z’igihugu ni Ernest SINZINKAYO, Jean Baptiste NTIRANDEKURA, Sous-lieutenant Eric NDAYISHIMIYE, Claude Chandelle MFURANZIMA hamwe na Evelyne IZOBIRIZA yahoze atwara komine ya Muyinga.
Abo bane ba mbere barahakana icaha bagirizwa, bakiyamiriza n’ibivugwa ko bafatiwe mu kibanza kimwe. Umunsi bumvirizwa ubwa mbere, babwiye Sentare ko batanazinanye.

Umushingamateka yaserukira Uburundi mu nama nshingamateka ya Afrika y’ubuseruko, Hafsa Mossi, yagandaguwe n’abantu bitwaje inkoho mu gatondo ko kw’igenekerezo rya 13 Mukakaro 2016 muri karitiye ya Mutanga Nord.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.