IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Amakuru > Intwaro ibereye > Abahoze ari abakuru b’igihugu bakuwe mu nama nkenguzamateka

Abahoze ari abakuru b’igihugu bakuwe mu nama nkenguzamateka

Tuesday 19 June 2018, by vianney

Nk’uko biri mu mategeko mashasha agenga uko inama nkenguzamateka ikora hisunzwe ibwirizwa nshingiro rishasha, abahoze ari abakuru b’igihugu nta burenganzira bafise bwo kuba abakenguzamateka.

Abahoze ari abakuru b’igihugu c’Uburundi Pierre BUYOYA,Sylvestre NTIBANTUNGANYA hamwe na Domitien NDAYIZEYE nibo bahora ari abakenguzamateka hisunzwe ibwirizwa nshingiro ryo mu mwaka wa 2005,ubu akaba ata kibanza bafise muri iyo nama nkenguzamateka y’Uburundi hisunzwe ibwirizwa nshingiro rishasha.

Ibibanza vy’abahoze ari abakuru b’ibihugu mu nama nkenguzamateka vyari vyavuye mu masezerano yo guhagarika intambara hagati ya Reta y’Uburundi n’imirwi yahora irwana, vyatumye bishirwa no mw’ibwirizwa nshingiro ryo mu mwaka wa 2005.


Vianney BIKORIMANA

Forum posts

  • Barya amahera yagusa, ninkaho bahemberwa iminsi yabo yokubaho Kandi igihugu gikenye.

  • IVYO NIVYIZA NIBAGENDE KAND DUSAB PRESIDENT NKUKO BIR MWIRIBWIRIZWA ASHIRE MUNZEGO NABANDI BOSE BABISHOBOYE BATARI MUR CNDD FDD NUGUSABIKANYA EMWE BA BUYOYA BARI BARIYE PE UGIRA BAZOPFA BAKENYE? WAPI

  • Yemwe Buyoya , yaririye abarundi impandezose! Umvanawe, abarundi begeranya utwabo mazebakamuha amahera, yaheza kwakira amahera abarundi akacavugango nimubafatire ibihano, ivyovyahera akacajamutunama twokuvugango nimurondere abakora ibiterovyokwica abariburundi,nokurwiza kubatera amagrenade!

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.