IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Abantu 19 nibo bahagaritswe mu kiringo c’indwi imwe

Abantu 19 nibo bahagaritswe mu kiringo c’indwi imwe

dimanche 2 Ndamukiza 2017, par Egide NDUWIMANA

Abantu bagera kuri 19 nibo bahagaritswe mu kiringo co kuva mu ndwi yo kw’igenekerezo rya 25 Ntwarante gushika kw’igenekerezo rya mbere Ndamukiza 2017. Benshi muri abo bahagaritswe ni abanywanyi ba FNL ya RWASA Agathon, hamwe n’abo mu mugambwe CNDD urongowe na Leonard NYANGOMA, nk’uko biri mu cegeranyo c’ishirahamwe SOS-Torture.

Ico cegeranyo kiravuga kandi ifatwa ry’umwe mu ndongozi z’umugambwe UPRONA ishami rya Karori NDITIJE mu ntara ya Kirundo.

Mu bahagaritswe muri iyo ndwi, SOS-Torture yaharuye abanywanyi umunani ba FNL ya RWASA Agathon, abanywanyi batandatu ba CNDD ya NYANGOMA asanzwe ari mu buhungiro.

Icegeranyo ca SOS-Torture kiravuga kandi bamwe mu baserukira abandi muri Kaminuza y’Uburundi bahagaritswe inyuma y’aho bandikiye umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA, bamumenyesha ko bagiye guhagarika ivyigwa mu gihe ingingo bafatiwe y’ingene bagiye guhabwa agafashanyo itohogarikwa.

Ishirahamwe SOS-Torture rivuga kandi abantu batatu bagandaguwe, muri abo hakaba harimwo ikiziga c’umuntu atamenyekanye catowe mu ruzi.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.