IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Abantu 21 bari bafashwe n’iperereza mu Carama barekuwe

Abantu 21 bari bafashwe n’iperereza mu Carama barekuwe

mercredi 11 Ndamukiza 2018, par Egide NDUWIMANA

Muri abo bari bafashwe harimwo kandi na Gilbert NYAWAKIRA, umukuru wa w’urunani rw’amasendika y’abakozi mu Burundi (CSB : Confédération Syndical du Burundi).

Abafashwe bumvirijwe mw’igendereza ry’Uburundi, ariko ababumvirije bakaba basanze ivyo bagirizwa bidafise ishingiro, nk’uko vyemezwa na bamwe muribo. Abegereye abafashwe bemeza ko bari aho basanzwe bahora bakinira urukino rwa "Ping Pong", bakaba mbere bari basanzwe bahurikiye mw’ishirahamwe rimwe ry’urwo rukino.

Abo bantu bari bafatiwe mu nzu iri muri karitiye ya Carama, zone Kinama, mu gisagara ca Bujumbura, mw’ijoro ryo kuri uwu wa mbere, abanyagihugu akaba aribo batabaje abajejwe umutekano.

Abari bafashwe bose uko ari 21 barekuwe.


Egide NDUWIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.