IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Abagabo cumi bafatiwe ku Mutakura bashitse mw’ibohero rya Mpimba

Abagabo cumi bafatiwe ku Mutakura bashitse mw’ibohero rya Mpimba

mardi 18 Gitugutu 2016, par Egide NDUWIMANA

Abagabo cumi barimwo Salvator NAHIMANA umumenyeshamakuru wa Radio Maria Burundi bari bafatiwe ku Mutakura kw’igenekerezo rya 2 Gitugutu 2016 bashikanwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba ku muhingamo wo kuri uwu wa kabiri.

Abo bagabo bose bari bumvirijwe na Parake ya Ntahangwa, mu gisagara ca Bujumbura, ingingo y’ukubungururiza mw’ibohero rya Mpimba bakaba bayimenyeshejwe nk’igihe c’isaha icumi.

Ababanyi b’aho abo bantu bafatiwe bamenyesha ko bafashwe mu gihe bari mu nama y’ibikorwa vyo kw’isengero ryabo. Babonye umwe mu bajejwe intwaro, ari kumwe n’abasirikare hamwe n’abaporisi, binjira mu nzu barimwo, baca bajanwa bose gupfungirwa muri zone Kamenge, aho baraye ijoro rimwe, mu nyuma bungururizwa mu gasho k’igendereza i Bujumbura.

Bagifatwa, OP1 Pierre NKURIKIYE, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi yamenyesheje ko abo bagabo bagirizwa uguhungabanya umutekano w’igihugu, bakagirizwa kandi ko bariko bategura kwegeranya ibifungurwa bihabwa abagizi ba nabi.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.