IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Abantu cumi bafatiwe ku Mutakura barengutse ubwa mbere mu butungane

Abantu cumi bafatiwe ku Mutakura barengutse ubwa mbere mu butungane

vendredi 7 Gitugutu 2016, par Egide NDUWIMANA

Abantu cumi barimwo Salvator NAHIMANA, umumenyeshamakuru wa Radio Maria Burundi bafatiwe ku Mutakura haraheze iminsi itandatu barengutse ubwa mbere kuri uwu wa gatanu, muri Parake y’igisagara ca Bujumbura. Bose bafatiwe kuri karitiye ya Mutakura, zone Cibitoke, kw’ibarabara ry’icenda nomero 59, ku mugoroba wo kuri uwu w’Imana.

Ababanyi b’aho abo bantu bafatiwe bamenyesha ko bafashwe mu gihe bari mu nama y’ibikorwa vyo kw’isengero ryabo. Babonye umwe mu bajejwe intwaro, ari kumwe n’abasirikare hamwe n’abaporisi, binjira mu nzu barimwo, baca bajanwa bose gupfungirwa muri zone Kamenge. Mu gatondo ko kuri uwu wa wa mbere bakaba bungururijwe mu gasho k’igendereza i Bujumbura.

Mu giporisi c’Uburundi bamenyesha ko bagirizwa ko bariko bakora inama iteye amakenga kandi itemewe n’amategeko, yoba yari igamije gufungabanya umutekano w’igihugu.

OP1 Pierre NKURIKIYE, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi amenyesha ko abo bantu bariko bategura kwegeranya ibifungurwa bihabwa abagizi ba nabi.

Muri abo bafashwe, harimwo Salvator NAHIMANA, umumenyeshamakuru wa Radio Maria Burundi.


IGIHe

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.