Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abanyamerika bankiwe gusubira kwinjira muri Irani - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Abanyamerika bankiwe gusubira kwinjira muri Irani

Abanyamerika bankiwe gusubira kwinjira muri Irani

lundi 30 Nzero 2017, par Egide NDUWIMANA

Igihugu ca Irani casohoye itangazo ribuza abanyamerika gusubira kwinjira ku butaka bwaco, inyuma y’aho umukuru w’igihugu Donald Trump asohoreye itegeko ribuza aba isilamu baturuka mu bihugu indwi kwinjira muri Amerika mu kiringo c’amezi ane ari imbere. Ivyo bihugu indwi ni Iraki, Libiya, Siriya, Sudani, Yemen hamwe na Somaliya.

Ibiro vy’Umukuru w’Igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika vyatangaje ko iyo ngingo ariyo gukingira igihugu ku bantu baturuka mu bihugu bigwiriyemwo iterabwoba.

Iryo tangazo ryasohowe n’Umushikiranganji wa Irani, ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu, rivuga ko ingingo y’umukuru w’igihugu Trump ari iyityoza ibihugu vy’aba isilamu, kandi ko ari nk’agashimwe Donald Trump ahaye imihari y’abiyahuzi. Irani yatangaje ko iryo tegeko ry’ubukuza abanyamerika kugaruka muri ico gihugu rizohinduka ari uko Amerika yakuyeho iyo ngingo.

VOA itangaza ko igihugu ca Irani kibaye ica mbere gisohoye itangazo ku bijanye n’ingingo y’umukuru w’igihugu Donald Trump.

Umukuru w’igihugu Donald Trump yatangaje kuri uwu wa gatandatu ko abantu barekuriwe kwinjira ku butaka bwa Amerika ari abashigikiye Amerika bonyene.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.