IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Abanyeshure baheruka kwandikira umukuru w’igihugu bagabishijwe

Abanyeshure baheruka kwandikira umukuru w’igihugu bagabishijwe

dimanche 26 Ntwarante 2017, par Egide NDUWIMANA

Ubuyobozi bwa Kaminuza y’Uburundi bwagabishije abanyeshure baheruka kwandikira umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA bamumenyesha ko mu gihe ikibazo bafise kitotorerwa inyishu, biteguriye guhagarika ivyigwa. Kubw’umuyobozi wa Kaminuza y’Uburundi, ni akarwi k’abanyeshure kihaye uburenganzira bw’ukuvugira abatabatumye.

Mw’ikete ryasohowe n’ubuyobozi bwa Kaminuza y’Uburundi, bagabishije abanyeshure bateye umukono kw’iteke ryarungikiwe umukuru w’igihugu, ko ingaruko zavyo zizobazwa abo banyeshure nyene bateye umukono kuri iryo kete, kuko kw’ubuyobozi bwa Kaminuza, ntawabatumye. Ubuyobozi bwa Kaminuza y’Uburundi bwasavye abo banyeshure ko boshira imbere inzira y’ibiganiro yamaze gutanguzwa, kugira ikibazo bafise gitorerwe inyishu.

Abaserukira abanyeshure ba Kaminuza y’Uburundi bo mu mu bigo vyose baheruka kwandikira umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA, bagabisha ko bashobora guhagarika ivyigwa, mu gihe ikibazo bafise kitoba catorewe inyishu gushika kw’igenekerezo rya 5 Ndamukiza 2017.

Abo barungikiye ikete umukuru w’igihugu c’Uburundi ni abanyeshure 170 baserukira abandi, bakavuga ko ikibazo nyamukuru bafise ari itegeko ry’umukuru w’igihugu riheruka gushirwaho, rihindura ingene agafashanyo bahora bahabwa bakaronswa. Reta y’Uburundi iheruka kwemeza ko ako gafashanyo bazogahabwa nk’ideni bazotegerezwa kuriha (prêts-bourses).

Abanyeshure baserukira abandi muri Kaminuza y’Uburundi bamenyesheje ko iyo ngingo itazokworohereza abanyeshure bava mu miryango ikenye, akaba arico gituma basavye umukuru w’igihugu ko iryo tegeko ryofutwa, bitagenze ukwo abo banyeshure bakavuga ko biteguriye guhagarika ivyigwa.

Tubamenyeshe ko abanyeshure bo kuri Kaminuza nderabigisha ENS bamaze guhagarika ivyigwa kuva kuri uwu wa gatanu, nabo nyene bagasaba ko iyo y’isubirwamwo ry’ingene bahabwa agafashanyo yokurwaho.


IGIHE

Messages

  • abobanyeshure 170 baratayindero nibatahe hige abafisindero bubaha. abobamenyereye zangesombi zakera ahobahora bagumuka bakica abanyagihu cankabandi banyeshure bagenzibabo atacamira nibatahe

  • kwita mubitakuraba ntaco bimaze mutama!wewe biraboneka ko kaminuza uyibona nk’ikinamico,ntaco uyiziko,ahubwo vyiza wokwinumira bigakurikiranwa n’abo biraba!mbega wewe ubukene urabuzi?n’aho woba utunze kurusha obama wokwitonda kuko abakene bariho bagati mugihugu!

  • Jewe nifuje kuvuga kubantu baterera ijambo.ahusanga domains zooose zigihugu bazinjije muvyapolitike ugasanga vraiment nazimwe bits inkandagira bitabo atahonyoye nomuriyamashure yahohambere yaga mukama ariko yita muvyo atanumva uretse kubimenya adebagura ibitagira umutwe namaguru

  • reta y’uburundi yohagarika iyongingo kuko ijekubohera amaboko imungongo banyarucari nifutwe

  • VYUKURI ABANA BANYARUCARI KAMINUZA BAYI,!!!,NKABAZA RETA UMUNTU YOKWEMEREYE INGURANE AYIKWIMYE HARAHO WOKWITWARA,?2 <VYUKURI PORITIKE MUNDERO VYASE AKARORERO UBU SEGONDERI BIMURA NABADAKWIJE AMANOTA ABARIMU NABO BABIMURA ARIKWICUNGURA.RETE TUBEHO GUTE,?

  • nkurunziza ukwo gushaka gufuta amategeko amwamwe novugako ari nk’ingendo yatanguye kuva kera,aho atana rimwe agera umutwe kandi yari mubofashe iya mbere kugira akingirwe,jewe nkabonako ari ugucinyiza ba ntahonikora.ariko nkongera nti yibagiye aho yavuye.

  • Iyo migumuko turaz ic igamije no mumigumuko yabiyamiriza za mandat abari bayirongoye bari bagizwe nabo banyeshure ubu rero babonyeko amahoro yabonetse bariko barahig ivyo bitwaza mugusubira kugumuka ariko barazi ko babwiwe k uzowatsa bazowumuzimirizako nibaba bagomba kwiyahura nakazi kabo ikiziriko kirabarindiriye

  • Stand for your rights abarundi beshi turabashigikiye! Mbe abo bafata izongingo iyo bataronkavako gafashanyo ntibaba bikorera imizigo kumasoko! Bibagira ningoga! Umwe iwabo bahora barya abantu ubu nawenyene aba abarembeje mukubarya aragiye impene!!! None rero ubu ngo agafashanyo bagakure!! Izo mbonerakure zikoreshwa nuwo Recteur zizomuhindukirira kandi ntizizotsinda abaharanira ukuri! God damn the DD system

  • Kuba banditse ni vyiza cane iyo nzira batoye niyo ahubwo nyakubahwa umukuru wigihugu narabe ukwabaagenza.

  • Uwomuyobozi avuguko kubera ya yegeranije abana biwe bozobandanya biga atakibazo, uwumukene yicaye. Uburundi bwacu busigaye bugoye ntibucitaho uwitwa umunyeshure.

  • abo banyeshure nibarabe neza
    hageze ko higa uwubishoboye
    kandi afise ico yimariye mumutwe no mumufuko

  • ariko abarundi mufise ubuyi mumitwe yanyu koko, hano murwanda iyo system niyo ikora kandi imaze gutanga umwimbu ushimishije. kandi uburundi muri abakene leta iri kuraba uburyo nabazabakomokaho baziga neza kuko ayo mahera y’abanyamahanga bazagera igihe bayahagarike burundu, none kwiga kaminuza bizoca bihagarara!!?? ariko uwize mbere niyishura ideni bamuhaye reta izoca ikoresha ayo mahera yishururire abandi batoyi banyu ahubwo Nkurunziza yarababembereje cane. hano Kagame ntamikino uriga utashaka ukareka.

  • Abarundi mukwiye kuva ibuzimu mukaja ibuntu,ndatangaye kumvako mwari mugihabwa amahera y’ubusa.Kw’isi nzima n,u Burundi bwonyene bugitanga ayo mahera kubanyeshuri.Ubundi buri munyeshuri barayamutangira ariko akitwa ingurane ahejeje kwiga akaronka akazi acatangura kwishura niko bigenda mubihugu vyose.Nari kubashigikira muriyo migumuko iyo nsanga leta ivugdko itazobagurana none kwivuga ko izoyatanga nkingurane ibahaye aho nimuja mumabarabara bazobakubite kuko ntimuzi aho isi igeze.Abo mwita bantahonikora iyo bahejeje kwiga ntabuzi baronka?iyo baburonse babandanya kwitwa bantahonikora?nimuve murubwo bujuju ababahenda ngo mugumuke murabe ivyo bafise.Nongere mvunge nti: nimuja mumabarabara canke mugahagarika ivyigwa babakubite kuko nubundi ntaco mwozomarira u Burundi bw’ejo.Jabuka aho hafi mu Rwanda murabe uko biga nuko bangana kandi bigira kumahera y’ingurane.Ananyeshuri bo kuri kaminuza z’u Burundi muzoba ijuju kugeza dyari!

  • NIMUZE TWIHEREZE UMUREMYI KKO NIWE MUSHOBORA VYOSE AHACU TWOCISHWA KUBUHOMBA.
    IMIGANI16:3

  • NIMUZE TWIHEREZE UMUREMYI KKO NIWE MUSHOBORA VYOSE AHACU TWOCISHWA KUBUHOMBA.
    IMIGANI16:3

  • Ntacomvuz Kimw Gusa Abagira Ivyovyose Bamenyko Nabo Bahabony Ako Ka Bourse Nka Presida Wew Yibuk Ubuzima Yaciymwo Ko Atarikwiy Gufata Iyongingo.Niyibuk Kubitero Twagiriw Turikumw Imana Iratubungabunga Nyakubahwa Hussein Radjabu Atugirira Faveur Araduhungisha.Rero Nkivyo Sibintu Yarikwiy Kujamwo Amahra Arayafis Nary Rwiw Ark Kwitera Umwaku.

  • nibarindire.ibiganiro.ntawundi.muti.uhari.atari.ukunvikana

  • ndabona neza yuko muburundi habaye nabi ikindyohera nuko abobategetse bavyemeza kandi nabonyene barakaronka

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.