IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Amakuru > Amashuri > Abanyeshure bahevye ishure n’abaronse amanota mabi mu ndero amanota baronse (...)

Abanyeshure bahevye ishure n’abaronse amanota mabi mu ndero amanota baronse mu kibazo ca Reta azoba impfagusa

Tuesday 10 July 2018, by vianney

Mu kiganiro umuvugizi w’ubushikiranganji bw’indero n’inyigisho z’imyuga yahaye abamenyeshamakuru kuruyu wa kabiri igenekerezo rya 10 Mukakaro 2018,Juma Edouard yamenyesheje ko umwihwezo bakoze inyuma yaho ikibazo ca Reta gikozwe “Concours National” basanze abanyeshure bararenze amategeko bongere berekana imyifato yo kutagira indero arico gituma izo ngingo zifashwe.

Juma Edouard yavuze ko abanyeshure bahevye ishure bazohanwa hisunzwe itegeko nshikiranganji inomero 610/1076 ryo kuwa 17 Mukakaro /2017 kandi amanota yabo yo mu kibazo ca Reta azoba impfagusa.

Uyo muvugizi w’ubushikiranganji bw’indero n’imyuga yavuze ko amashure amaze gukora umwiherero wa mbere w’abanyeshure “Deliberation” abwirizwa gufatira ku mwihwezo wa kabiri kugira abanyeshure bunguruzwe.

Juma Edouard yasavye abayobozi b’amashure mu ma komine kubimenyesha amashure hamwe no gutanga urutonde rw’abanyeshure berwa n’ico kibazo.


IGIHE

Forum posts

  • Mbe Abanyeshure Bomumwaka Wicenda Bazoba Bananiwe Nacakibazo Ca Reta Barafise Uburenganzira Bwosubiramwo?

  • Leta yacu urakwiye kuba usoma amategeko ari mw ‘ibwirizwa nshingiro hamwe na declaration international de troit de l’enfant.umuntu aja kwiga igisata rutanaka kugushaka kwiwe bavanye n ukuntu abona bizomuteza imbere.si urwego canke uwundi muntu amuhindira yo.Reta aho gutora umuti w igituma batwara izo nda yahanye ingaruka .Ikindi ndabona ko iyo ngingo bayabuye muri Tanzaniya naho ikaba yaratewe utwatsi n ‘abanyagihugu kandi hari ingingo nziza bari kwa uraho nko kurwanya igiturire no gusesagura amatungo ya leta vyasasiwe indava n’abategetsi.hari ho abakenyezi benshi bari mu mabanga akomeye tuzi babandanije amashure yabo nyuma yo gutwara inda .Iyo ngingo yari ikwiye gufutwa Ahubwo hakigwa igituma abo bana batwara inda ningene bobakingira.

  • Ahubwo N,uk Bofat Ind Nging Kuk Kumwirukan Nahonyen Siyo Nging Kuk Namw Muraz Ko Ari Ibishk Bakazitwaza.

  • TURUBABAZWA NINGENE IVYIYUMVIRO VYACU BITEWERERWA KUJA AHABONA.

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.