IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Abarundi bane bafashwe bagiye kwinjira muri AL-SHABAAB

Abarundi bane bafashwe bagiye kwinjira muri AL-SHABAAB

mardi 12 Nyakanga 2017, par Egide NDUWIMANA

Ibinyamakuru vyo mu gihugu ca Kenya bivuga ko abo Barundi bafatiwe ahitwa Isiolo mu gatondo ko kuri uwu wa kabiri.

Mu giporisi ca Kenya bamenyesha ko abo barundi baje bava i Bujumbura, bakaba binjiye muri ico gihugu ca Kenya bavuze ko ari ingenzi (Touristes) zije kugendera ico gihugu, ariko mu nyuma bafatwa nk’igihe c’isaha cumi z’ijoro kuri uwu wa kabiri bariko bagerageza kwinjira mu gihugu ca Somaliya.

Igiporisi cabumvirije umwanya utari muto, bahava biyemerera ko bari bagiye muri Somaliya kwinjira mu murwi ukora iterabwoba wa AL-SHABAAB.

Abafashwe ni Ntakarutimana Bernard w’imyaka 41, Niyongere Yusuf w’imyaka 32, Nshimirimana Fulgnce Shadady w’imyaka 31 hamwe na Bizoza Abderauf 20. Bose bari mu minwe y’igiporisi ca Kenya.


Egide NDUWIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.