IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Abarundi basabwa gufata icongereza nk’ikiraro kibinjiza mu karere ka Afrika (...)

Abarundi basabwa gufata icongereza nk’ikiraro kibinjiza mu karere ka Afrika y’Ubuseruko

mardi 12 décembre 2017

Mw’ijambo ryo kwugurura ico kiganiro cabaye kur’uyu wa kabiri igenekerezo rya 12 Kigarama 2017, Samuel Irungu Njau arongoye Summit International Institute yamenyesheje ko ururimi rw’icongereza ari ngirakamaro ku barundi,mu gihe twinjiye mu karere ruvugwamwo.

Samuel Irungu Njau yavuze ko ata mvo n’imwe yotuma abarundi na cane cane urwaruka rwitaho ururimi rw’icongereza,mu gihe mbere igihugu nka Kenya vyarekuriye abanyagihugu bo mu Karere ka Afrika y’Ubuseruko kuba no gukorera mu ico gihugu werekanye ikarata karangamuntu gusa.

JPEG - 144.4 ko
Samuel Irungu Njau, umuyobozi wa kaminuza Summit International Institute

Ati :’’Ntacotuma tutiga ururimi rw’icongereza kuk turukoresha mu karere ka Afrika y’Ubuseruko. Umuntu azi ururimi rw’icongereza ashobora gukorera mu bihugu vyose bigize akarere ka Afrika y’Ubuseruko vyose. Ni ikiraro kitwinjiza neza mw’Ishirahamwe ry’akarere ka Afrika y’Ubuseruko.’’

Abashikirije amajambo bose, haba mu vyigwa batanze ku bari bitavye ico kiganiro,bagarutse ku kamaro k’ururimi rw’icongereza mw’iyinjira mw’ishirahamwe ry’akarere ka Afrika y’Ubuseruko.

Ferdinand MBERAMIHIGO, umuyobozi w’igisata cigisha indimi n’imigenzo yo muri Afrika muri kaminuza y’Uburundi, yamenyesheje ko akarere ka Afrika nako gakeneye indimi mpuzamakungu nk’icongereza.

JPEG - 156.4 ko
Ferdinand MBERAMIHIGO,umuyobozi w’igisata c’igisha indimi n’imigenzo vyo muri Afrika muri kaminuza y’Uburundi

Ferdinand MBERAMIHETO asigura ariko ko hakiri intambamyi kuko mu mashuri ururimi rw’icongereza abanyeshuri barwiga kugira baronke amanota gusa, bigatuma mu buzima bwa minsi yose bibaza ko batazin ururimi rw’icongereza.

Asaba abarundi guhindura ivyiyumviro, bakamenya ko ururimi rw’icongereza atari urwaje ku basubiza mu ntwaro z’abazungu, ariko ari inzira nziza bocako kugira binjire neza mw’ishirahamwe ry’akarere ka Afrika y’Ubuseruko.

Ico kiganiro cari citabwe n’abanyeshuri hamwe n’abafise ibigo vyigisha ururimi rw’icongereza mu gisagara ca Bujumbura.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.