Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abasirikare ba AMISOM bagirijwe ubwicanyi bw’abanyagihugu 11 - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Abasirikare ba AMISOM bagirijwe ubwicanyi bw’abanyagihugu 11

Abasirikare ba AMISOM bagirijwe ubwicanyi bw’abanyagihugu 11

mercredi 21 Kigarama 2016, par Egide NDUWIMANA

Imodoka yo mu bwoko bwa "blindé" y’umuryango w’Ubumwe bwa Afrika yoba yasetse inzu yica umugore n’abana biwe batanu mu bumanuko bw’ikivuko ca Marka, haraheze iminsi itatu. Amakuru ava muri Somaliya avuga ko ivyo vyabaye inyuma y’igisasu catewe imodoka y’ubumwe bwa Afrika.

Imbere y’aho, abasirikare barashe imodoka yo mu bwoko bwa "Bus" yunguruza abantu, bica abantu batandatu bari muri iyo modoka.

Mu gitero ca mbere, umunyagihugu yabibonye yavuze ko abasirikare buguruye umuriro kuri iyo modoka yunguruza abantu, hapfa abantu batandatu bari muriyo mu gisagara ca Qoryooley mu ntara ya Lower Shabelle.

Ubuyobozi bwa Amisom bwamenyesheje ko bwababajwe n’ivyabaye i Qoryooley aho igitero cahitanye ubuzima bw’abanyagihugu.

Amisom ibandanya ivuga ko yatanguye gutohoza ibirego vyegekwa ku nteko zayo, yegeranya n’ayandi makuru, imbere yuko isohora itangazo rikwiye.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.