Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abasirikare ba Kenya bari muri AMISOM batewe n’abarwanyi ba Al-Shabab - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Abasirikare ba Kenya bari muri AMISOM batewe n’abarwanyi ba Al-Shabab

Abasirikare ba Kenya bari muri AMISOM batewe n’abarwanyi ba Al-Shabab

vendredi 27 Nzero 2017, par Egide NDUWIMANA

Umuhari wa Al-Shabab wavuze ko wateye ikambi ya gisirikare ya Kenya mu gihugu ca Somalia, aho izo ngabo ziriko zirafanya n’abandi basirikare ba Amisom kugwanya uwo muhari w’iterabwoba.

Abo bagwanyi bavuga ko bishe abasirikare benshi muri ico gitero mw’ikambi ya Kulbiyow, mu bumanuko bwa Somalia, hafi y’urubibe Somaliya ihana na Kenya.

BBC ivuga ko abarwanyi babiri ba Al-Shabab batwaye amamodoka arimwo amabombe bayaturikiriza ku muryango w’iyo kambi yo mu gisagara ca Kulbiyow, imbere y’uko binjira muri iyo kambi.

Sheikh Abdiasis Abu Musab, umwe mu bavugizi ba Al-Shabab, yamenyesheje ko inyuma y’intambara ikomeye, abo barwanyi bashoboye gufata iyo kambi.

Uwo muvugizi amenyesha ko uwo muhari wishe abasirikare barenga 50 baca batwara imodoka n’inkoho vy’abo basirikare, inkuru umuvugizi w’igisirikare wa Kenya yahakanye.

Colonel Paul Njuguna avugira igisirikare ca Kenya yagize ati : "Ni ububeshi. intambara ziracabandanya. Tubandanya kuronka ubutumwa."

Abasirikare ba Kenya hamwe n’abasirikare bo mu gihugu ca Djibouti, Uganda, Burundi na Ethiopia bari muri Amisom bafasha iyo Reta ifise icicaro i Mogadishu kugwanya uwo muhari wa al-Shabab.

Mu kwezi kwa mbere umwaka uheze, abo bagwanyi barateye ikambi y’abasirikare i el-Adde bica abasirikare benshi.

Al-Shabab yavuze ko yishe abasirikare barenga 100, mu gihe igisirikare ca Kenya kitigeze kimenyesha igitigiri c’abasirikare bahasize ubuzima gushika ubu.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.