Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abatavuga rumwe n’ubutegetsi bwa Kabila bashitse ku masezerano na Reta ya (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Abatavuga rumwe n’ubutegetsi bwa Kabila bashitse ku masezerano na Reta ya (...)

Abatavuga rumwe n’ubutegetsi bwa Kabila bashitse ku masezerano na Reta ya RDC

vendredi 23 Kigarama 2016, par Egide NDUWIMANA

Abarongoye abatavuga rumwe na Reta muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo bavuga ko bumvikanye n’umugambwe uri ku butegetsi ukuntu bobisikanya ku butegetsi.

Mu Mwumvikano washitsweko bahagarikiwe na Ekleziya Katolika, umukuru w’igihugu Joseph Kabila azoguma ku butegetsi gushika mu mpera z’umwaka w’2017, n’aho ikiringo co kuguma ku butegetsi ciwe carangiye.

Umushikiranganji wa mbere ategerezwa kuva mu batavuga rumwe na Reta, kandi uwo mwumvikano uzohagarikirwa n’umukuru w’abatavuga rumwe na Reta, ariwe Etienne Tshisekedi.

Reta iremera ayo masezerano, abatavuga rumwe nayo nabo bakavuga ko ayo masezerano aza gushirwako umukono kuri uwu munsi wa gatanu, nk’uko tubikesha BBC.

Imishamirano hagati y’abari mu myiyerekano n’abajejwe umutekano yabaye ikiringo ca kabiri c’uburongozi bwa Kabila kikirangira kuva mw’ijoro ryo ku munsi wa mbere igenekerezo rya 19 z’ukwezi kwa cumi na kabiri, yahitanye abantu barenga 30.

Kuva ico gihugu kironse intahe yo kwikukira haraciye imyaka irenga 55, nta mukuru w’igihugu n’umwe arashikiriza ubutegetsi ku wumusubiriye mu mahoro n’umutekano.I


IGIHE

Messages

  • EEE NTIWUMVABANDI ABO RERO NIBO BARIKO BAKORA IVYIMANA ISHAKA. NAYUBURUNDI BUTWAGWA NA RUSIFERI. AMAKORI ARAHO YOYO, CONGO NIYITEGURE KUDUHA UBUHUNGIRO, TUBARIMIRE BOBO BAGIFISE AMASHAMBA

  • NUKO CONGO YO IKARONKA AMAHORO ATARI NKA BA BARUNDI RUNDI, ARIKO NABO BARAGABA KUKO KABILA ASHOBORA KUBAHINDUKA.

  • Nukuri nabashingantahe babushitse, kubabumvikanye uko bakwiye kuvyifatamwo mukurindira amatora ya 2017, nkaba ntashimishijwe naba bantu 30 bagandaguwe nigi porice cakongo!,icaringikwiye abaperezida bacu baribakwiye kwigishwa muburyo bwamasemina ko iyo ikiringo cabo kiba cegereje kurangira, bakitegurira gutunganya ibibazo bihanze abanyagihugu babo batarinze gusesa amaraso!.Nkaboneraho gushimira abakozi b’Imana ba Ekreziya gatorika yakongo uburyo bitanze mukwumvikanisha abanye poritike batavuga rumwe numugabwe warusazwe urikubutegetsi, ico carigikwiye kuba icigisho kuri NKURUNZIZA PETERO nakarwikiwe, bakaba abantu bumvirimpanuro zababahanura. Nimwibuke ukovyagiye birakurikirana muguhanura, abasazwe bari mumugabwe urikubutegetsi hano iwacu, Amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike, ntako batakoze birananirana, abarongozi bishengero rya Ekreziya gatorika, tutibagiye namakungu, izompande zose,bararahiye kumviriza impanuro zabo!. Bisigurako ibiriko birakorwa unomusi kwaribintu vyateguwe kuvakera bakiri mwishamba,sivyateguwe aruko bashitse kubutegetsi, oya habanamba. Barundi benemama mutahure iyumuntu arinze akora ikintu kigayitse abakimaranye nkimyaka 10 canke irenga, nkuyu mugambi wa Nkurunziza wokumara imisore yose ya wuteguye kera,kuko yarasazwe aziyuko kushikiriza ubutegetsi kuriwe kwarikintu kitoroshe, ati rero imisore niyo ishangashirwa ningoga niyo nzoherako mukwica, abandibose ntanguvu bazosubira kubana kubera nzoba nabamariyeko imisore, iciyumviro ciwe nico, niko jewe nimwize, Murakoze.

  • Vyukurikabiranafatiakarorerokuri obama

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.