Accueil > Amakuru > umutekano > Abatera Gerenade bakora iterabwoba" - Alain Guillaume BUNYONI
Abatera Gerenade bakora iterabwoba" - Alain Guillaume BUNYONI
lundi 17 Mukakaro 2017, par
N’aho abatera ayo magerenade bataragera ku rugero rw’abakora iterabwoba babigize umwuga, umushikiranganji w’umutekano avuga ko bafatwa nabo nk’amakora iterabwoba mu Burundi, kugira bashikire inyungu zabo. Umushikiranganji Alain Guillaume BUNYONI ashikiriza ariko ko abatuma canke abakorana n’abo bantu batazwi, akagabisha ababikora, kuko igiporisi c’Uburundi kigiye kubarwanya bikomeye.
"Gerenade iri mu bintu bituma hapfa canke hagakomereka abantu benshi. Nico gituma abakoresha iterabwoba bakoresha ivyo bituma inganda zitikira mu kanya isase. Iryo rero baryita iterabwoba.", uko niko umushikiranganji Alain Guillaume BUNYONI yabishikirije mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru ku muhingamo wo kuri uwu wa mbere, mu gihe yariko ashikiriza ivyaranguwe n’ubushikiranganji arongoye mu kiringo c’amezi atatu (ukwa 4, 6 n’ukwa 6).
Umushikiranganji BUNYONI yashikirije ko muri ico kiringo hibonekeje ubugizi bwa nabi bugizwe n’ukugandagura abantu, ibikorwa vy’iterabwoba vyaranzwe n’ibisasu ntezwantoki (Grenades) vyatewe mu duce tumwe tw’igisagara ca Bujumbura, hamwe n’ubusuma hakoreshejwe inkoho.
Ubwo bushikiranganji buravuga ivyaranguwe mu gutorera umuti ivyo bibazo : "Haratunganijwe amasakwa agera ku 3561 mu gihugu cose, aho hafashwe inkoho 43 zo mu bwoko bwa Kalashnkov, inkoho zitatu zo mu bwoko bwa Pistolet, amasasu 1570, ibikono 53 vy’amasasu, ibisasu ntezwantoki (grenades) 99, iradiyo ya gisirikare imwe hamwe n’ivyankenerwa bimwe bimwe vy’igisirikare n’igiporisi."
- Umushikiranganji w’umutekano, Alain Guillaume BUNYONI
Umushikiranganji w’umutekano amenyesha kandi ko muri ico kiringo, uturwi 48 tw’inkozi z’ikibi twasambuwe, abagizi ba nabi 1212 nabo barahagarikwa, muri abo abagera ku 3572 bakorerwa amadosiye yarungitwe mu butungane.
Ubugizi bwa nabi bwakozwe bugera ku bice 32,3 kw’ijana
Mu bushikiranganji bw’umutekano bemeza ko muri rusangi mu biharuro bafise, basanga ubugizi bwa nabi bwagabanutse, bagereranije n’amazi atatu ya mbere y’umwaka w’2017. Nk’uko vyashikirijwe n’umushikiranganji Alain Guillaume BUNYONI, ivyo biharuro vyavuye ku ncuro 1331 mu gice ca mbere c’umwaka, bija ku ncuro 901 muri iki gice ca kabiri c’umwaka, ni ukuvuga ko ubugizi bwa nabi mu Burundi bwagabanutse ku bice 32,3 kw’ijana, nk’uko biri mw’itangazo ku vyaranguwe n’ubushikiranganji bw’umutekano ryasomwe n’umushikiranganji Alain Guillaume BUNYONI.
Egide NDUWIMANA