IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Abazokurikirana amashure y’imyuga batumweko kwiyandikisha

Abazokurikirana amashure y’imyuga batumweko kwiyandikisha

mardi 11 Gitugutu 2016, par Egide NDUWIMANA

Ubushikiranganji bw’abakozi n’akazi bwatumyeko abanyeshure hamwe n’abandi bose bipfuza gukurikirana inyigisho z’imyuga kuja kwiyandikisha kuva kuri uwu wa kabiri igenekerezo rya 11 Gitugutu 2016 gushika kurya 20 Gitugutu.

Iryo yandikwa rizobera mu bigo vya Reta canke vyigenga vyigishirizwamwo imyuga, ku minsi yose y’akazi kuva isaha zibiri z’agatondo, gushika isaha icenda z’umuhingamo.

Mw’itangazo ubwo bushikiranganji bwasohoye, bamenyesheje ko ayo mashure y’imyuga azokwakira abavyipfuza bose, batamenye ikibazo ca Reta gitanga uburenganzira bw’ukubandanya mu gice ca kabiri c’amashure shingiro. Ayo mashure azokwakira kandi abayobewe mu gice ca kabiri c’amashure yisumbuye mu myaka iheze.

Uwukeneye kwiyandikisha yibangikanya "Bulletin" yo kw’ishure yahora yigako, kwandikwa akaba ari ku buntu.

Abazoba biyandikishije bakaba bazobwirwa hanyuma igenekerezo ry’ugutangurirako inyigisho.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.