IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Abigisha bataraja gukorera mu bibanza barungitswemwo bahawe ikiringo (...)

Abigisha bataraja gukorera mu bibanza barungitswemwo bahawe ikiringo ntarengwa

mardi 31 Gitugutu 2017, par Egide NDUWIMANA

Umushikiranganji w’indero, ivyigwa vya kaminuza n’ubushakashatsi Janvière NDIRAHISHA, mu kiganiro ku bamenyeshamakuru kuri uwu wa kabiri, yamenyesheje ivyavuye mu gikogwa co gukwiragiza abigisha mu mihingo yose y’igihugu.

Umushikiranganji NDIRAHISHA amenyesha ko ico gikorwa cagenze neza, ko ari igikorwa c’ubutwari n’ubwira kizotuma abana b’igihugu biga bangana, bakaronka ubumenyi bungana.

Umushikiranganji Janvière NDIRAHISHA aragabisha abigisha bose bataraja gukorera aho bungururijwe gukorera, ko ibihano bibarindiriye.

«Abigisha bose bataraja gukorera aho bungururijwe bagiye gufatwa nk’abahevye akazi. Dusavye abarongoye indero mu ntara zose ko kugeza igenekerezo 02 za Munyonyo, uwutazoba arubahiriza iyi ngingo azoca ahanwa, nk’uko amategeko abivuga».

JPEG - 39.2 ko
Janvière NDIRAHISHA, umushikiranganji w’indero, inyigisho mu mashuri y’intango, ayisumbuye, kaminuza n’ubushakashatsi

Umushikiranganji w’indero arongera akamenyesha ko abayobozi bose batorohereje ico gikogwa bafatiwe ibihano vy’akarorero, harimwo n’ukubakura mu kazi.

Umushikiranganji yamenyesheje ko abigisha 4 761 aribo bungururijwe ku mashure asanzwe akenye abigisha, hakaba harimwo abagera kuri 2 988 bo mu myaka 3 y’intango y’ishure nshingiro, 1 671 bo mu mashure akurikira ishure nshingiro, hamwe na 135 bahora ari abahanuzi n’abanyamabanga mu burungozi.

Umushikiranganji NDIRAHISHA yongeye aramenyesha ko ico gikorwa catumye ubushikiranganji bwunguka abigisha bagera kuri 600 bahora bakorera mu biro, aho bahora bafise akazi gake, akagirako amenyesha ko Reta yahora ihahombera amafaranga agera kuri 8.569.800.000 ku mwaka yahora ahembwa abantu ataco bahora binjiriza igihugu.

Umushikiranganji w’indero yafashe iyo ngingo y’ugutanga ikiringo ntarengwa ku bigisha bataraja aho barungitswe gukorera mu gihe kuri uwu wa gatandatu, umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD FDD uri ku butegetsi, Evariste NDAYISHIMIYE asavye Reta y’Uburundi ko yosubiriza abigisha bataraja gutangura akazi ku mashure barungitsweko.


Pacifique BUKURU

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.