IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Afirika y’Epfo : Abatanzaniya 11 bagirizwa gufata ku nguvu umugore (...)

Afirika y’Epfo : Abatanzaniya 11 bagirizwa gufata ku nguvu umugore barekuwe

mercredi 30 mai 2018

Abo bahungu uko ari 11 bafashwe mu mwaka wa 2015 bagirijwe gufata ku nguvu umugore Thelma Mondowa ava mu gihugu ca Zimbabwe.

Umwe mu bashingwamanza ba Reta yamenyesheje umucamanza ko Thelma Mondowa yafashe ingingo yo gusubira mu gihugu ciwe gushika ubu batazi aho aherereye.

Amakuru dukesha BBC amenyesha ko Thelma MONDOWA yafashwe nabo bahungu avuye ku kazi mw’ibarabara 270 Lilian Ngoyi mu gisagara ca Johannesburg, inyuma yaho umugabo bakorana bari kumwe akubiswe abona gutungwa n’ayo yameze.

Ayo makuru abandanya avuga ko uwo mugabo amaze gutoroka yaciye ahamagara igiporisi kibona kuja kumutabara, mu gihe yariko afatwa ku nguvu n’abo bahungu.


BIKORIMANA Vianney

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.