IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Afrika y’Epfo : Jacob Zuma yarengutse imbere y’ubutungane

Afrika y’Epfo : Jacob Zuma yarengutse imbere y’ubutungane

samedi 9 juin 2018

Amakuru dukesha urubuga rw’iradiyo y’abongereza BBC, amenyesha ko bamwe mu bategetsi b’intwaro iriho ubu, bari bashitse kuri sentare, bikaba vyabaye nk’insiguro y’uko amatora yimirije atawuzi uko azogenda.

Ayo makuru ya BBC, amenyesha ko, abantu baharurwa mu majana aribo bari bakoraniye imbere ya sentare nkuru mu gisagara ca Durban, muri Afrika y’epfo.

Abenshi mur’abo bamushigikiye ni abaturuka mu karere avamwo, mu ntara ya KwaZulu-Natal, ahahamagarijwe n’urwo rubanza.

Mu majambo yababwiye mu rurimi rwa Isizulu, inyuma yo kwitaba ubutungane, yavuze ati "Nimba uru rubanza rubwirizwa kuba, nta bwoba mfise bwo kuruhanga".

Urwo rubanza rwungururijwe kw’igenekerezo rya 27 Mukakaro 2018.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.