IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Afrika y’Epfo : Jacob Zuma agiye gukurikiranwa n’ubutungane

Afrika y’Epfo : Jacob Zuma agiye gukurikiranwa n’ubutungane

samedi 17 mars 2018

Amakuru dukesha iradiyo y’abongereza BBC, amenyesha ko Shaun Abrahams yavuze ko yemera ko hari ivyagiriji vyumvikana, vyotuma Jacob Zuma akurikiranwa n’ubutungane bwa Afrika y’Epfo.

Ivyo yagirizwa, Jacob Zuma we ahakana birimwo imitahe y’ubusuma n’amanyanga hamwe n’iyijanye no kunyegeza amahera yibwe mu bintu.

Jacob Zuma, afise imyaka 75 y’amavuka, yategetswe n’umugambwe wiwe "African National Congress" (ANC) gutanga imihoho mu kwezi guheze kwa Ruhuhuma, aca asubirizwa na Cyrill Ramaphoza.

Akurikiranwa ku bijanye n’amafaranga ya Reta imiriyardi 30 z’ama rand, n’ukuvuga imiriyaridi 2.5 z’amadorare y’abanyamerika yatanzwe mu masezerano yo kugura ibigwanisho mu mwaka wa 1990, imbere yuko aba umukuru w’igihugu.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.