Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Afrika y’Epfo : Jacob Zuma agiye gukurikiranwa n’ubutungane
Afrika y’Epfo : Jacob Zuma agiye gukurikiranwa n’ubutungane
samedi 17 mars 2018
Amakuru dukesha iradiyo y’abongereza BBC, amenyesha ko Shaun Abrahams yavuze ko yemera ko hari ivyagiriji vyumvikana, vyotuma Jacob Zuma akurikiranwa n’ubutungane bwa Afrika y’Epfo.
Ivyo yagirizwa, Jacob Zuma we ahakana birimwo imitahe y’ubusuma n’amanyanga hamwe n’iyijanye no kunyegeza amahera yibwe mu bintu.
Jacob Zuma, afise imyaka 75 y’amavuka, yategetswe n’umugambwe wiwe "African National Congress" (ANC) gutanga imihoho mu kwezi guheze kwa Ruhuhuma, aca asubirizwa na Cyrill Ramaphoza.
Akurikiranwa ku bijanye n’amafaranga ya Reta imiriyardi 30 z’ama rand, n’ukuvuga imiriyaridi 2.5 z’amadorare y’abanyamerika yatanzwe mu masezerano yo kugura ibigwanisho mu mwaka wa 1990, imbere yuko aba umukuru w’igihugu.
MUGISHA Van Naris
Messages
17 mars 2018, 11:54, par Pancrace
Hhaahh Parrain waba DD agiye kumeswa, Imboness ko zitihaye amabarabara ngo zivyiyamirize ! tout se paie ici bas