Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Afrika y’epfo : Umugambwe ANC wahimbaje imyaka 105 iheze ushinzwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Afrika y’epfo : Umugambwe ANC wahimbaje imyaka 105 iheze ushinzwe

Afrika y’epfo : Umugambwe ANC wahimbaje imyaka 105 iheze ushinzwe

lundi 9 Nzero 2017

umugambwe ANC uri ku butegetsi mu gihugu ca Afrika y’epfo wahimbaje imyaka 105 iheze ushinzwe.

Abayoboke b’uwo mugambwe bashika ibihumbi 70 nibo bitavye ivyo birori. Umukuru w’igihugu Jacob Zuma,yasavye umugambwe kwiyunga no kwumviriza ivyo abanyafrika y’epfo basanzwe basaba.

Ku munsi wa gatandatu igenekerezo rya 7 Nzero, urwego rw’abakenyezi mu mugambwe ANC rwemeje Nkosazana Dlamini-Zuma asanzwe arongoye ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika kubaserukira mu matora y’umukuru w’uwo mugambwe.

Umugambwe ANC washinzwe ufise intumbero yo gukura abirabure mu buja bw’inkehwa z’abazungu muri Afrika y’epfo, ubishikako ku ntsinzi ya Nelson Mandela mu 1994.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.