Accueil > Amakuru > Mu makungu > Afuganisitani : ONU yagiriza Reta kudakingira abanyagihugu
Afuganisitani : ONU yagiriza Reta kudakingira abanyagihugu
mardi 8 mai 2018
Amakuru dukesha urubuga rw’iradiyo BBC y’abongereza, amenyesha ko icegeranyo cakozwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, cerekanye ko benshi muri abo bishwe, bagizwe n’abana.
Ico cegeranyo kivuga ko Reta ya Afuganistani yakoresheje ibirwanisho vyo mu bwoko bwa rokete n’ibindi birwanisho bikomakomeye ku bemera Imana bari bakoranye, kikagiriza kandi ubutegetsi kuba ataco bwakoze ngo bukingire abanyagihugu.
Ico gitero kikiba, umushikiranganji wo kwivuna abansi mu mu gihugu ca Afuganistani, yavuze ko ico gitero cahitanye abantu 18 mu ntwazangabo z’abatalibani.
Kivuga gishimitse ko ata munyagihugu n’umwe yaguye mu bitero vyo kwivuna vy’abatalibani.
MUGISHA Van Naris