IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Afuganisitani : ONU yagiriza Reta kudakingira abanyagihugu

Afuganisitani : ONU yagiriza Reta kudakingira abanyagihugu

mardi 8 mai 2018

Amakuru dukesha urubuga rw’iradiyo BBC y’abongereza, amenyesha ko icegeranyo cakozwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, cerekanye ko benshi muri abo bishwe, bagizwe n’abana.

Ico cegeranyo kivuga ko Reta ya Afuganistani yakoresheje ibirwanisho vyo mu bwoko bwa rokete n’ibindi birwanisho bikomakomeye ku bemera Imana bari bakoranye, kikagiriza kandi ubutegetsi kuba ataco bwakoze ngo bukingire abanyagihugu.

Ico gitero kikiba, umushikiranganji wo kwivuna abansi mu mu gihugu ca Afuganistani, yavuze ko ico gitero cahitanye abantu 18 mu ntwazangabo z’abatalibani.

Kivuga gishimitse ko ata munyagihugu n’umwe yaguye mu bitero vyo kwivuna vy’abatalibani.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.