Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Agasandugu k’indege y’igisirikare c’Uburusiya iheruka kugira isanganya (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Agasandugu k’indege y’igisirikare c’Uburusiya iheruka kugira isanganya (...)

Agasandugu k’indege y’igisirikare c’Uburusiya iheruka kugira isanganya kabonetse

mardi 27 Kigarama 2016, par Egide NDUWIMANA

Amakuru atangwa n’ubutegetsi bw’igihugu c’Uburusiya avuga ko habonetse ahari agasandugu kabika amabanga y’indege y’igisirikare y’Uburusiya yagize isanganya mu kiyaga cirabura ku musi w’Imana.

Kabaye agasandugu ka mbere kabonetse k’indege ya Tu-154, yahitanye abantu 92 bose bari bayirimwo. Iyo ndege yakorotse igihaguruka ku kibuga c’indege hagufi y’igisagara ca Sochi. Yari itwaye abaririmvyi bari bagiye kuremesha igiteramo c’abasirikare b’abarusiya bari muri Syria, hamwe n’abamenyeshamakuru n’abasirikare.

Iyo ndege bayibuze ku vyuma bikurikirana indege inyuma y’iminota ibiri gusa ihagurutse ku kibuga c’indege ca Adler kiri I Sochi, isaha 05:25 (02:25 GMT) ku musi w’Imana, igana i Latakia muri Syria, nk’uko vyamenyeshejwe n’ubushikiranganji bwo kwivuna abansi. Iyo ndege yari ivuye I Mosco, ihagarara i Sochi kugira inywe igitoro.

Yari itwaye abacuraranzi b’umugwi uzwi cane wa gisirikare Alexandrov, hamwe n’umuntu ari rurangiranwa mu Burusiya mu gikorwa co gutanga imfashanyo, Yelizaveta Glinka, azwi kw’izina rya Dr Liza, yari umuyobozi mukuru w’ishirahamwe rya Fair Aid Charity.

Vyari bitegekanijwe ko umugwi wa Alexandrov uzogira igiteramo ku mwaka mushasha mw’ikambi y’ingabo zigwanira mu kirere ya Hmeimim hagufi ya Latakia, nk’uko vyemezwa na BBC.

Uburusiya buragira ibitero vy’indege mu gufasha ingabo za Reta ya Syria ziriko ziragwanya abagwanyi baterekwa umukuru w’igihugu wa Syria, Bashar al-Assad.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.