IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Aimée Laurentine Kanyana : "Kuva muri sentare mpanavyaha mpuzamakungu ni (...)

Aimée Laurentine Kanyana : "Kuva muri sentare mpanavyaha mpuzamakungu ni isabukuru idasanzwe"

vendredi 27 octobre 2017

Mu nama yahuje abakozi bakuru bakuru bo m’ubushikiranganji bw’ubutungane kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 27 Gitugutu 2017, umushikiranganji Aimee Laurentine KANYANA yavuze ko igihugu giteye intambwe kuko cabikoze ku neza yaco.

Muri iyo nama yarimwo kandi ,abajejwe umutekano hamwe n’abajejwe intwaro mu gisagara ca Bujumbura,umushikiranganji yamenyesheje ko igihugu c’Uburundi cavuye mur’iyo sentare kuko basanze ari sentare y’agacinyizo bafatiye kuvyo yakora mu bindi bihugu na cane cane vyo ku mugabane wa Afirika kandi ko ivyo iyo sentare yashatse gukora k’Uburundi bitari ivy’ineza y’igihugu.

Aimee Laurentine Kanyana yashikirije ko amasezerano agenga iyo sentare atari mabi ariko ko abari bajejwe gushira mu ngiro izo ngingo ziyigenga aribo babi kuko ivyakorwa n’iyo sentare bitari bihuye n’ivyo yiyemeje.

Yavuze ko sentare mpanavyaha mpuzamakungu y’i La Haye yashaka guteranya abarundi kugira baronke inzira yo kwagiriza abarongoye igihugu gutyo bashobore kubarengutsa mur’iyo sentare.

Uyo mushikiranganji yahamagariye umuntu uwariwe wese gusubiza amaso inyuma arabe ko uko ibintu bizoba biriko biragenda ariko abivuga canke abishikiriza ataguhengama,kugira bibe intango nshasha yo gutsimbataza amahoro n’umutekano mu Burundi.


Vianney BIKORIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.