IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Amafaranga y’ishure yadugijwe ku biga mu mashure ya Reta

Amafaranga y’ishure yadugijwe ku biga mu mashure ya Reta

jeudi 7 Nyakanga 2017, par Egide NDUWIMANA

Nk’uko biri muri iyo ngingo nshasha, umunyeshure yiga mu ndaro agiye kuriha amafaranga y’ishure agera ku bihumbi cumi na bitanu vy’amafaranga y’amarundi (15000 Frs Bu) ku gice kimwe c’amezi atatu. Ni ukuvuga ko ku mwaka azoriha amafaranga y’amarundi agera ku bihumbi 45. Aho ni mu gihe imbere y’uko iyo ngingo ifatwa, umunyeshure wo mu ndaro yahora ariha amafaranga ibihumbi cumi ku gice kimwe, ni ukuvuga ibihumbi 30 ku mwaka.

Abanyeshure biga bataha bagiye kuriha amafaranga y’amarundi ibihumbi indwi ku gice kimwe, ni ukuvuga ibihumbi 21 ku mwaka. Aho ni mu gihe bahora bariha amafaranga ibihumbi bitatu ku gice, ni ukuvuga ibihumbi icenda ku mwaka.

Bamwe mu bavyeyi barereye mu mashure ya Reta bavuga ko iyo ngingo y’ukuduza amafaranga y’ishure ije gusongera isibe, ku bavyeyi basanzwe bafise amikoro, aho akaba ari mu gihe n’ibikoresho vy’ishure vyaduze ibiciro.


Egide NDUWIMANA

Messages

  • Eeeehh, uzi ko i Burundi ubuzima buhendutse, kuva 1995 nta na rimwe twigeze twishyura nk’ayo mu Rwanda. Ubu mu ishuri rya Leta internat ubu amake ni 70.000 Frw par trimestre, soit 150.000 Fbu ou 200.000 Fbu bitewe n’aho uvunjishirije, soit 10 fois plus. Ubwo universite z’aho ngaho bishyura gute? Muduhe amakuru kabisa ndumva ubuzima bw’aho ngaho buhendutse!

  • reka abo twitoreye babandanye badutunganiriza ivy’indero uko bavyipfuza, abana babo bariko bayanonosora za buraya na amarika.
    Vive la démocratie !

  • Sha nitube tuvyemera Reta ni umuvyeyi kweri. Kuri 15 000 ukagenda bakagufungurira matin, midi na soir, ukahasanga matelas nigitanda namazi utavuze amatara. Nitube dushima Uhoraho.

  • Hano i Burundi iwacu hifashe neza. Amashule ya kaminuza arazimbutse. ubu bariha hagati ya 300.000fbu na 450.000fbu ku mwaka bivanye n’igisata wigamwo. Igisata ca medecine i Ngozi bageze kuri 850.000 fbu ku mwaka. Karibu iwacu. Abashaka kutugirira nabi ni abahungungabanya amahoro n’umutekano sinon ibindi ni sawa.

  • Reka badutunganirize abo twitoreye, naho boshira kuri 45ooo ku gice ntaco kuko nibo bazi ayaba akenewe uko angana.Tugirire ivyo twabatumye banyakubahwa,

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.