Accueil > Amakuru > Intwaro ibereye > ’’Amakomine amwe akoresha amafaranga mu bidateza imbere abanyagihugu’’-NTAHIMPERA
’’Amakomine amwe akoresha amafaranga mu bidateza imbere abanyagihugu’’-NTAHIMPERA
mardi 23 janvier 2018
Ashikiriza ivyaranguwe n’ubushikiranganji bw’intwaro ibereye mu mwaka wa 2017, umwunganirizi w’umushikiranganji bw’intwaro ibereye akaba n’umuvugizi w’ubwo bushikiranganji kur’uyu wa mbere igenekerezo rya 22 Nzero 2018, yavuze ko mu makomine amwe hari ukudashira imbere cane ikijanye n’icoteza imbere abanyagihugu.
NTAHIMPERA Jean Bosco yamenyesheje ko hari amakomine yitaho gukoresha gusa imiriyoni amajana atanu zitangwa na Reta mu bikorwa vy’iterambere, mu gihe ayandi ava mu makori n’amatagisi akoreshwa mu mishahara y’abakozi.
Umwunganirizi w’umushikiranganji w’intwaro ibereye asigura ko,mu makomine hari ukudaha agaciro ibiteza imbere abanyagihugu, aho usanga hari ibiriko bikorwa ataho bifasha mw’iterambere ry’abanyagihugu.
Nayo mu gihe habaye ubusuma mw’ikoreshwa ry’amafaranga ahabwa amakomine, NTAHIMPERA Jean Bosco avuga ko ubushikiranganji butanga uko bwabonye ikibazo , bugatanga n’intumbero y’uko vyari kugenda.
MUGISHA Van Naris