IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Intwaro ibereye > ’’Amakomine amwe akoresha amafaranga mu bidateza imbere abanyagihugu’’-NTAHIMPERA

’’Amakomine amwe akoresha amafaranga mu bidateza imbere abanyagihugu’’-NTAHIMPERA

mardi 23 janvier 2018

Ashikiriza ivyaranguwe n’ubushikiranganji bw’intwaro ibereye mu mwaka wa 2017, umwunganirizi w’umushikiranganji bw’intwaro ibereye akaba n’umuvugizi w’ubwo bushikiranganji kur’uyu wa mbere igenekerezo rya 22 Nzero 2018, yavuze ko mu makomine amwe hari ukudashira imbere cane ikijanye n’icoteza imbere abanyagihugu.

NTAHIMPERA Jean Bosco yamenyesheje ko hari amakomine yitaho gukoresha gusa imiriyoni amajana atanu zitangwa na Reta mu bikorwa vy’iterambere, mu gihe ayandi ava mu makori n’amatagisi akoreshwa mu mishahara y’abakozi.

Umwunganirizi w’umushikiranganji w’intwaro ibereye asigura ko,mu makomine hari ukudaha agaciro ibiteza imbere abanyagihugu, aho usanga hari ibiriko bikorwa ataho bifasha mw’iterambere ry’abanyagihugu.

Nayo mu gihe habaye ubusuma mw’ikoreshwa ry’amafaranga ahabwa amakomine, NTAHIMPERA Jean Bosco avuga ko ubushikiranganji butanga uko bwabonye ikibazo , bugatanga n’intumbero y’uko vyari kugenda.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.