IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > IFARANGA > Amashirahamwe arungika amafaranga ku buhinga ngurukanabumenyi asabwa (...)

Amashirahamwe arungika amafaranga ku buhinga ngurukanabumenyi asabwa gukinga impanuka zoba muri ubwo buhinga

samedi 9 décembre 2017

Mu gihe kur’uyu wa gatanu igenekerezo rya 8 Kigarama 2017 ibanki nkuru y’igihugu yari yatunganije uruganda rwo guhanahana ivyiyumviro hamwe n’amashirahamwe atanga uburyo bwo guhanahana amafaranga mu buhinga ngurukanabumenyi, umuyobozi agenzura ibikorwa vy’amabanki Prosper NGENDANGANYA yamenyesheje ko bashimye guhamagara ayo mashirahamwe kugira baganire, k’ukungene ayo mashirahamwe asanzwe yitungana bafatiye ku mategeko mashasha ibanki nkuru y’igihugu yashizeho.

Prosper NGENDANGANYA amenyesha ko vyari bikenewe ko baganira kuko hari amategeko mashasha n’ibiringo vyatanzwe muri ayo mategeko, bakaraba ko ayo mashirahamwe yorohewe mu kwubahiriza ivyo biringo.

JPEG - 112.7 ko
Prosper NGENDANGANYA, umuyobozi ajejwe kugenzura ibikorwa vy’amabanki mw’Ibanki Nkuru y’igihugu

Umuyobozi agenzura ibikorwa vy’amabanki mw’ibanki Nkuru y’Igihugu ati :’’ Ni ukuraba kandi ko hoba hari izindi nzitizi kugira tubiganireko , igihambaye rero n’uko ayo mashirahamwe yubahiriza amategeko nkuko yanditswe.’’

Prosper NGENDANGANYA avuga kandi ko n’amakenga nayo atabuze kuko ikiringo co gushira mu ngiro ayo mategeko kitari coroshe kugira ayo mashirahamwe yose ashobore kuvyubahiriza.

Umuyobozi agenzura ibikorwa vy’amabanki avuga ko Ibanki Nkuru y’Igihugu BRB ishobora kuraba ko hari ikindi kiringo yotanga ariko amashirahamwe abanje kwerekana ko mu kiringo kitari kure azoba yubahiriza ibisabwa na cane cane barabe ko ivyerekeye gukingira impanuka zishobora kubera muri ubwo buryo bwo kurungika amafaranga ku buryo ngurukanabumenyi bubandanya bukomezwa.

Urwo ruganda rwari rwitabwe n’amabanki y’ubudandaji, posita,amashirahamwe yo kuziganya no kuguranana, hamwe n’amashirahamwe yo gutumatumanako amakuru akoresha igisata co kurungika amafaranga biciye mu buhinga ngurukanabumenyi.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.