IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > IFARANGA > Bujumbura : Abunguruza abantu n’imodoka bavuga ko badatahura iyo (...)

Bujumbura : Abunguruza abantu n’imodoka bavuga ko badatahura iyo ibingorongoro bija

mercredi 30 mai 2018

NIYONKURU Ramadhan yunguruza abantu abajana muri zone ya Kamenge, avuga ko ivyo bingorongoro vyabonetse, mu nyuma birabura, ko gushika ubu batazi aho biherera, kandi bikenerwa cane.

HAKIZIMANA Felix nawe yunguruza abantu abajana mu bumanuko bw’igisagara ca Bujumbura, muri zone ya Musaga, avuga ko ibingorongoro rimwe rimwe babironka, hakagera n’ikindi gihe bikabura kandi vyari bikenewe.

Ku rundi ruhande, NIKIZA Joseph akora akazi ko kuvunja amafaranga, avuga ko ibingorongoro nabo batamenya iyo bija, kuko bagiye mw’ibanki nkuru y’igihugu, bababwira ko bobo babirungika mu mabanki y’ubudandaji, ko ariyo boja kubirondera.

Yaba NIYONKURU Ramadhan canke HAKIZIMANA Felix, bose bemeza ko ubukene bw’ibingorongoro na cane cane ivy’amafaranga 10, ari ikibazo, kuko vyama vyatumye abo bunguruza babashwanira ko babibimye babifise.

Abo bunguruza abantu bakoresheje imodoka canke abavunja, basaba ibanki nkuru y’igihugu kuva mu majambo ikaja mu bikorwa, igasohora ibingorongoro, kugira baba ababikoresha mu gusubiza canke ababivunja bakore akazi neza.

Mwomenya ko, mu kiganiro ku bamenyeshamakuru co kur’uyu wa kabiri igenekerezo rya 29 Rusama 2018, umuyobozi ajejwe ingene amafaranga asohoka mw’ibanki nkuru y’igihugu, yavuze ko ibingorongoro bihari.


MUGISHA Van Naris

Messages

  • umuti w’ibi byose ni ugukoresha ikoranabuhanga mu kwishyura twe iwacu I kigali tumaze kumenyera kutagendana amahera ahubwo dukoresha carte muri bus ubundi ibyo bibazo by’aba convoyeur na abagenzi byarakemutse ndetse na abo ba convoyeur bacu yego ubu umushoffeur agenda we nyine.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.