IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Amashure icenda yugawe n’ubushikiranganji bw’indero

Amashure icenda yugawe n’ubushikiranganji bw’indero

mardi 22 Myandagaro 2017, par Egide NDUWIMANA

Umushikiranganji w’indero Janvière NDIRAHISHA amenyesha ko abanyeshure b’amashure 263 bamenye ku bice 100 kw’100, amashure angana 49 nayo akaba atashikanye ibice 20. Muri ico kibazo ca Reta gitanga uburenganzira bw’ukwinjira mu gice ca kabiri c’inyigisho z’ishure shingiro, hari amashure 9 ata munyeshure n’umwe wayo yamenye muri ico kibazo. Ayo mashure yafatiwe ingingo.

Umushikiranganji Janvière NDIRAHISHA avuga ko ayo mashure icenda atashoboye kuronka umunyeshure n’umwe amenya muri ico kibazo ca Reta yugawe.

JPEG - 69.8 ko
Janvière NDIRAHISHA, umushikiranganji w’indero, inyigisho mu mashuri y’intango, ayisumbuye, kaminuza n’ubushakashatsi

Ayo mashure akaba ari CEBU (Ntahangwa), CEPUB (NTAhangwa), EAC School (Muha), Ecole Emmaus (Ntahangwa), GIB (Ntahangwa), GS Maendeleo (Mutimbuzi), ETEC (Ntahangwa), LTI (Ntahangwa) hamwe na LT ERNIDE (Muha).

Umunani muri ayo mashure akaba ari ayo mu gisagara ca Bujumbura, rimwe muriyo naryo akaba ariryo mu ntara ya Bujumbura.


Vianney BIKORIMANA

Messages

  • Ndashima caane ingingo uwo mushikiranganji afata, erega indero igeze aho umwansi ashaka. Imana Imuhezagire. Agarukire indero mu Burundi natwe abarundi bavyeyi tumuri inyuma kandi turamushigikiye

  • Umushikiranganji namanze abaze abayobozi bayo mashure ingene vyagenze kko umunyeshure aba formé kuva hasi

  • Iyo Ngingo Ni Nziza.Turizeye Ko Igiye Gutuma Akanovera Kiyongera Mu Mashure Yacu.

  • BIRAKWIYE KWACA ATANGA AKAZI MAZE UKO YIPFUZAKO UMWIMBU UGENDA AZOHEZE ABISUZUME ARU.KO NABATANGA UBWO BUMENYI BAKWIYE.AHASIGAYE NTAWUTOSHIMA IYO NGIGO.NIHASIGARE AMASHURE ASHOBOYE KWEREKANA VYUKURI KO MISSION YABO ATARI UKWEGERANYA AMAHERA AHUBWO ARI UGUTANGA UBUMENYI.KUKO AYAFISE UBUSA NAMA PRIVE GUSA

  • jewe Iconobivugako AaKurivyobijanyenindero Nimukivirehasikukôatwebwe Abenegihugu Ntibitugwanezd Gusanga Abanyeshure Bambara Izitabakwiye Bihindura Bicamabara Nibindivyinshi Abahnngu Poketi Turabashimiyekwiyôngingo Mwafashe Murakoze Imanibahumugisha

  • Nyakubahwa mushikiranganji,
    Ndabahaye amashi kuko ibintu vyari bigeze aho umwasi ashaka kuko abana bacu bariko baricwa ngo bariko bahabwa ubumenyi. Ariko impinga iracari ndende.

    N’ukuri hahagarare ukuroga abana bacu ngo bariko bariga. Amashure yahavuye aba urudandanzwa mu zindi.
    Izo ngingo ntizihagararire aho, hahagarikwe na za universités zo ku mazina kuko kazoza k’abana bacu karapfuye. Abafise uko bigira barahungishije ababo bariko biga hanze y’igihugu kuko ishano ribi ririko ritamikwa ugwaruka ngo ni inyigisho rizogira ingaruka mbi ku gihugu.
    Muhezagirwe nyakubahwa. Murabaye imboneza muri gouvernement.Murerekanye icarico kwitwa ministre ko ari ugushira ordre mugisata ministre aba atwara kandi ari ukuronderere ineza benegihugu.

    Zamburakimazi z’aba DD barondera amahera hasi no hejuru gushika no mu mashure, murabigire inyuma. Imana ibazigame.

  • jewe ico mbona bene gushinga ayo mashure bironderera kwiyegeraniriza amafaranga gusa bakibagira kazoza k’abana b’igihugu cacu na kazoza k’igihugu.Mugize neza caane kuyugara n’abandi bafise amashule mwenayo babone yuko nibatita ku ndero y’abanyeshure ko buca yugarwa. Encore i bujumbura? c’est tres honteux.

  • Ahubwo Ayomashure Nayo Kwiba Abanyagihugu Bahaye Akazi Abamaze Ishure Yagatandatu Ngwabe Aribo Bigisha Babahembe Intica Ntikize Nabo Biyegeranirize Ubutunzi .

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.