Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Amerika : Ibindi bihugu 14 bishobora gukorwako n’itegeko rishasha - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Amerika : Ibindi bihugu 14 bishobora gukorwako n’itegeko rishasha

Amerika : Ibindi bihugu 14 bishobora gukorwako n’itegeko rishasha

mardi 7 Ntwarante 2017, par Egide NDUWIMANA

Umunyamabanga wa Reta ajejwe umutekano muri Reta zunze ubumwe za Amerika, John Kelly, yatangaje ko hari itegeko rishasha ry’umukuru w’igihugu rizokora ku bihugu bindi bigera kuri 14, bishobora kwiyongera ku bindi bitandatu bifise abanyagihugu batarekuriwe kwinjira mu gihugu ca Reta zunze ubumwe za Amerika.

Kuri uwa wa mbere, niho umukuru w’igihugu Donald Trump yashize umukono kw’itegeko rishasha, rikumira mu gihe c’iminsi 90 abanyagihugu baturuka mu bihugu bitandatu birimwo bitatu vyo ku mugabane wa Afrika, bibamwo cane abo mw’idini rya Islam.

JPEG - 77.2 ko
Umunyamabanga wa Reta ajejwe umutekano muri Reta zunze ubumwe za Amerika, John Kelly

Ibihugu bigaragara kuri urwo rutonde ni Iran, Syria, Sudani, Libya, Yemen hamwe na Somalia. Bimwe muri ivyo bihugu vyagirizwa ko bishigikiye ibikorwa vy’iterabwoba.

Mu kiganiro na CNN, John Kelly yavuze ko ibihugu bishobora kwiyongera kuri urwo rutonde ari ibifise uburyo bwo kugenzura abashaka kuvyinjiramwo, ubwo buryo bukaba bufise utunenge.

Iryo tegeko rishasha rizotangura gukurikizwa kuwa 16 Ntwarante 2017, ariko rikaba ritaraba abanyagihugu bo muri ivyo bihugu, basanzwe bemerewe kuba muri Amerika kubera uruhusha rwa Green Card.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.