Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Amerika: Indege zatanguye gutwara abava mu bihugu birwiriyemwo aba (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Amerika: Indege zatanguye gutwara abava mu bihugu birwiriyemwo aba (...)

Amerika: Indege zatanguye gutwara abava mu bihugu birwiriyemwo aba islam

dimanche 5 Ruhuhuma 2017

Abajejwe abinjira n’abasohoka mu gihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika babariye amakompanyi y’indege ko yakira ingenzi zari zabujijwe n’umukuru w’igihugu Donald Trump gufata indege.

Izo ngenzi ziva mu bihugu indwi bibamwo ahanini Abaislam, itegeko ry’umukuru w’igihugu Donald Trump, rikaba ryababuza kwinjira ku butaka bw’igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

Indege y’Ikompanyi Qatar Airways, yamenyesheje ko inyuma y’ingingo y’umucamanza wo ku rwego rw’igihugu muri Amerika ihagarika ingingo ya Donald Trump ica itangura kwinjiza ingenzi mu ndege.

Umuvugizi w’ibiro vy’umukuru Donald Trump yavuze ko itegeko ry’umukuru w’igihugu rifise intumbero yo gukingira igihugu, kandi Reta yemera ko rikwiye kandi ryubahirije ayandi mategeko.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.