Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Nta mubonano wateguwe hagati ya Donald TRUMP na Denis Sassou-Nguesso - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Nta mubonano wateguwe hagati ya Donald TRUMP na Denis Sassou-Nguesso

Nta mubonano wateguwe hagati ya Donald TRUMP na Denis Sassou-Nguesso

mercredi 28 Kigarama 2016, par Egide NDUWIMANA

Umubonano wari wavuzwe ko utegekanijwe hagati y’umukuru w’igihugu ca Congo Brazzaville Denis Sassou-Nguesso hamwe na Donald TRUMP aheruka gutorerwa kuyobora Amerika ntiwabaye. Katrina Lanette Pierson, umuvugizi wa Donald TRUMP yamenyesheje ko uwo mubonano utigeze utegurwa.

RFI dukesha iyi nkuru ivuga ko bigoye kumenya icabaye, kuko umuvugizi Katrina Lanette Pierson yavuze ko TRUMP atigeze atangaza integuro n’imwe yo guhura na mugenzi we wa Congo, Denis Sassou-Nguesso.

Kuri uwu wa mbere, niho umuyobozi ajejwe itumatumanako ry’amakuru muri Congo, Thierry Moungalla, yasohora itangazo itangazo riteweko umukono n’umukuru w’igihugu Denis Sassou-Nguesso, rivuga ko abo bakuru b’ibihugu bompi bazohura kuwa 27 Kigarama 2016.

Iryo tangazo ryavuga ko uwo mubonano ubaye inyuma y’aho Denis Sassou-Nguesso agenwe n’inama y’umuryango w’ubumwe bwa Afrika kugira akurikirane ikibazo ca Libya, muri iryo tangazo bakavuga ko abo bakuru b’ibihugu babiri bategerezwa guhura kugira babiganire, mbere bakaganira no ku bindi bibazo bihanze umugabane wa Afrika, n’ibindi bibazo vyo ku rwego mpuzamakungu.

Umuvugizi wa Donald TRUMP yamenyesheje ariko ko iyo nteguro y’uguhura na Denis Sassou-Nguesso itigeze ibaho.

Iyo nteguro iyo iba, Denis Sassou-Nguesso yari kuba abaye umukuru w’igihugu wa mbere wo ku mugabane wa Afrika ahawe umubonano na Donald TRUMP kuva atorewe kuyobora igihugu ca Reta zunze ubumwe za Amerika.

N’aho biri uko, Reta ya Congo Brazzaville ibandanya kumenyesha ko umukuru w’ico gihugu ategerezwa kubonanira na Donald TRUMP mu gisagara ca Miami muri Reta zunze ubumwe za Amerika, nk’uko vyashikirijwe kuri uwu wa kabiri na Jean Claude Gakosso, umushikiranganji ajejwe imigenderanire ya Congo Brazzaville n’ayandi makungu.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.