Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Amerika : Umushikirizamanza kizigenza yirukanwe mu kazi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Amerika : Umushikirizamanza kizigenza yirukanwe mu kazi

Amerika : Umushikirizamanza kizigenza yirukanwe mu kazi

mardi 31 Nzero 2017, par Egide NDUWIMANA

Umushikirizamanza kizigenza wa Reta zunze ubumwe za Amerika yirukanwe mu kazi kw’itegeko ry’umukuru w’igihugu Donald Trump. Sally Yates yari yagenwe ku butegetsi bwa Barack Obama yirukanwe ahorwa ko yaheruka gusaba abacamanza bo mu bushikiranganji bw’ubutungane kudashira mu ngiro ingingo yaheruka gufatwa n’umukuru w’igihugu Donald Trump.

JPEG - 65.9 ko
Sally Yate yahora ari umushikirizamanza kizigenza muri Amerika

Dana Boente, yahora ari umushikirizamanza akukira komine yo mu buseruko bwa reta ya Virginia niwe yabaye aragenwa vy’imfatakibanza kugira abe umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika, nk’uko tubikesha BBC.

Itangazo ryasohowe n’ibiro vy’umukuru w’igihugu wa Amerika rivuga ko Sally Yates yahora ari umushikirizamanza kizigenza yahemukiye igisata c’ubutungane, mu kudashira mu ngiro itegeko ry’umukuru w’igihugu.

Yagirijwe ko yahemukiye igisata c’ubutungane mu kwanka gushira mu ngiro ingingo ifise intumbero yo gukingira abanyagihugu ba Amerika.

Umukenguzamateka w’umu democrate, Richard Blumenthal, yakeje Sally Yates ko yashoboye kwerekana aho ahagaze.

Iryo tegeko ry’umukuru w’igihugu ryavuga ibijanye n’uguhagarika vy’agateganyo abanyagihugu bo mu bihugu indwi (Iraki, Libiya, Siriya, Sudani, Yemen hamwe na Somaliya), ibihugu bigwiriyemwo abo mw’idini rya Islamu, babujijwe gusubira kwinjira muri Amerika, iyo ngingo ikaba yatumye haba abiha amabarabara mu myiyerekano yabaye muri Amerika no mu bindi bihugu vyo ku isi.

JPEG - 42.5 ko
Umukuru w’igihugu Donald TRUMP

Mu nsiguro yatanze mw’ikete yanditse, uwo yirukanwe mu kazi yavuze ko atanyuzwe n’iyo ngingo, kuko ku bwiwe atabona ko vy’ukuri iyo ngingo yoba yakurikije amategeko.

Umukuru w’igihugu Donald Trump yamenyesheje ko umupfasoni Sally Yates ashaka kuburagiza imigambi yiwe.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.