Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Amerika yateye ikirindiro c’abasirikare ba Syria - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Amerika yateye ikirindiro c’abasirikare ba Syria

Amerika yateye ikirindiro c’abasirikare ba Syria

vendredi 7 Ndamukiza 2017, par Egide NDUWIMANA

Igihugu ca Leta Zunze Ubumwe za Amerika cakoze kuri uwu wa gatanu ibitero vya "missile" ku kirindiro ca gisirikare c’igihugu ca Syria, ico gikorwa kikaba cabaye mu ntumbero y’ukwihora igitero bivugwa ko hakoreshejwe ubumara ku gisagara kigenzugwa n’abarwanyi, nk’uko BBC ibivuga.

"Missiles" 59 zo mu bwoko bwa Tomahawk zatewe ziva ku bwato bw’ingwano bwa Amerika buri mu kiyaga Méditerranée. Abantu batandatu nibo bapfuye, nk’uko igisirikare ca Syria cabimenyesheje.

Ico gitero kibaye igitero ca mbere c’igisirikare ca Amerika ku ngabo za Syria zirongowe n’umukufru w’igihugu Assad.

Igihugu c’Uburusiya ciyamirije ico gitero. Dmitry Peskov, umuvugizi w’umukuru w’igihugu Vladimir Putin, yise ico gitero "agasomborotso ku gihugu cigenga".

Ico gitero cakozwe bugira buce muri Syria kuri uwu wa gatanu, kikaba gishitse inyuma y’iminsi abantu baharugwa mu mirongo b’abasivire bagwiriyemwo abana bishwe mu gitero bivugwa ko hoba hakoreshejwe umwuka w’ubumara mu gisagara ca Khan Sheikhoun mu ntara ya Idlib.


IGIHE

Messages

  • Ababipfa nababisangiye reka bahondane bose nabagabo uwuzonyarwa aziruka!

  • None amerika yabiteye vyisunze amategeko? Emwe nzoba mbarigwa reka turindire iyo bizoherera

  • AMERIKA IZOGEZA RYARI MUKWIVANGA MUR POLITIQUE YIBINDI BIHUGU?SRIYA NIYIHANGANE

  • NONE AMERIKA IRONDERIKI MURISIRIYA?BAGOMBABAKORE BIMWEBAKORA MURIRIBIYA IGIHE BISTAKADAFI BAMUHOYIKI?KWARAKABONERO AMERIKIFISE?STANKE SADAMUSENI BAMUHOYIKI?MURI IRAKI?NIMBA AMERIKA IRINDA NIYINZIRE MURIKOREYA YARUGURU?STANKE YINZIRE MURI IRANI?BAYIVUGUTIRUMUTI STANKE MUBURUSIYA BAYEREKE KWATAGUMFINA BAJOPIME BAJEMUBURUNDI TUBAVUGUTIRUMUTI IBIHUGU NIMWIBEKO KUKO AMERIKA YOHAVIBAGENDERAKO MURAKOJE

  • None Muvyukuri Ko Imana Yaremye Umunt Imwishushanijeho Dupfiki? Kandi Turi Bene Mugabo Umwe? Vyiza Nuko Mwoza Tugasengera Ibihugu Vyacu Imana Ikatugarukira Murakoze

  • Kurino Si Ntamahor Umuhirwe Nuwamenye YESU.Ababipfa nababisangiy, Amerika Yamwe Yiganza Kuva na Kera.

  • Ico nico cerekana politique y’abazungu. Gusambura ibihugu vyabariko baratera imbere kugira bitabagare, bisambuke, bigume biri inyuma mu butunzi hanyuma bo bagume bari hejuru muri vyose. Ico babonye kiriko kirfaja imbere baguma bagicinyiza mpaka. Raba Iraq, Iran, Koreya, Japon, Libiya, ..... n’ibindi vyose iyo biva bikagera.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.