Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Amerika yirukanye abimukira 90 bo muri Somaliya - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Amerika yirukanye abimukira 90 bo muri Somaliya

Amerika yirukanye abimukira 90 bo muri Somaliya

jeudi 26 Nzero 2017, par Egide NDUWIMANA

Abimukira bashika kuri mirongo icenda baturuka muri Somaliya, birukanywe ku butaka bwa Reta za Zunze Ubumwe za Amerika, bahowe kurenga ku mategeko, no kuba bataronkejwe ubuhungiro. Abo bimukira basubijwe ku mugwa mukuru wa Somaliya, i Mogadiscio, kuri uyu wa gatatu.

Ahmed Isse Awad, aserukira Somaliya muri Amerika, yamenyesheje ko abo bimukira bari bararungitse amakete mu biro vyiwe, I Washington DC, basaba gutahukanwa. Awad amenyesha ko ivyegeranyo bivuga kuri abo bimukira vyari bimaze imyaka itatu , nk’uko bivugwa na VOA.

Haraheze imyaka ine, Reta Zunze Ubumwe za Amerika yemeje ko Reta ya Somaliya ibangamiwe n’umugwi w’abiyahuzi al-Shabab. Abasirikare bashika ku bihumbi mirongo ibiri b’Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika bakaba bararungitswe aho muri Somaliya kugwanya abanywanyi b’uwo muhari. Igikorwa bafashwamwo n’abajejwe gutanga inyigisho baturuka muri Amerika.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.