Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Amerika yiyemeje gufatira ibihano Uburusiya - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Amerika yiyemeje gufatira ibihano Uburusiya

Amerika yiyemeje gufatira ibihano Uburusiya

vendredi 16 Kigarama 2016, par Egide NDUWIMANA

Umukuru w’igihugu wa Reta zunze ubumwe za Amerika, Barack Obama, yiyemeje gufatira ingingo Uburusiya kubera ibivugwa ko bwivanze mu matora y’umukuru w’igihugu aheruka kuba muri Amerika.

Barack OBAMA, ku nsamirizi NPR yo muri Amerika, yamenyesheje ko akeneye gufata ingingo kandi yemeza ko ategerezwa kuyifata.

Uburusiya bubandanya kwagirizwa na Amerika ko bwinjiye mu butumwa (Mails) bw’umugambwe w’aba demokrate hamwe n’umuhanuzi akomeye wa Hillary Clinton, ariko ivyo vyagiriji Uburusiya bukaguma buvyamirira kure.

Umukuru w’igihugu aheruka gutorwa muri Amerika, Donald Trump, nawe yariyamirije ivyo bivugwa, amenyesha ko ari “ibiterasoni” kandi ko bifise imvo za poritike.

Ibiro bijejwe iperereza bivuga ko bifise ivyemeza ko abasuma bo kuri internet bashigikiwe n’Uburusiya hamwe n’umukuru w’igihugu Vladmir Putin, aribo babikoze kugira Donald Trump atsinde amatora.

Barack OBAMA ntiyashize ahabona izo ngingo zizofatirwa Uburusiya, ariko akavuga ko zimwe muri izo ngingo zizoba izo ku mugaragaro, izindi nazo zigashobora kutaboneka. Aho tukabamenyesha ko Barack OBAMA azova ku butegetsi kw’igenekerezo rya 20 Nzero 2017, kugira abisikanye na Donald TRUMP.


IGIHE

Messages

  • Ugomba ugige udabanganije ibintuwamugabowe,
    Umva wewe ushaka guhangana numuntu akwinjirana munzu atabomoye igufuri canke ngwasenyure urukuta rwinzu? Uwomuntu ntubona kumuteza igihugu cawe kuzoba ugikoreye nabi?

  • ewe obama sindwe mwemere na clinton kuko uwutsinzwe atabura uwobankana .niwumve yamatora ya afrika mwama mwivanga hasinze uwo mutagomba mukamufatira ibihano.menya icowokora trump azobihindura kuko manda yanyu isigaje amasaha!vivez putine uri umugabo nka pierre nkurunziza twironkeye adukunda natwe tukamuyoboka uwutabizi arabaza niyombari ,nu rwanda tutibagiye ububirigi bagitamariwe ugusambuka kwicaduka cnared

  • obama uko nuguta umutwe niyemere yaratsinzwe nta demokarasi azi natsindwe yemere

  • Bavuga Ngo Democracie Muri Amerika None Obama Ko Atemera Ivyavuye Mumatora ? Ariko Mugukandamiza Abarundi Yigera Hejuru . Obama Yatabagaje Isi Kabisa .

  • Bavuga Ngo Democracie Muri Amerika None Obama Ko Atemera Ivyavuye Mumatora ? Ariko Mugukandamiza Abarundi Yigera Hejuru . Obama Yatabagaje Isi Kabisa .

  • uyo icamenya nukuryanisha ibihugu du tibagiye uburundi vyaramuniye nashire ahintahishize!

  • Nubwo Putin yobayarabikoze wewe yobayabikozeneza gusumba mwebwe mugushigikira abomushaka kobotsinda muremera mukamena amaraso yabene ivyobihugu.
    Ariko Putin ntamunyagihugu wanyu yishe.

  • Temba Witembane Ivyo Wononye Biramaze . Obama Igere Ryanyuma!!

  • Obama Natsindwe Yemere Haburana Babiri Hagastinda Umwe

  • Burya rero ntamugabo atagira faiblesse, noneko Amerika yigira igihangange vyagenze gute ngo Uburusiya buyinjiremwo bugere aho hatsinda uwo bashaka, ahubwo uburusiya nico gihangange. Ubundi Amerika yari kubigira ibanga kuko bibakurako agahuzu erega n’iburundi bariko bananirwa.

  • ego birashoboka ko vyoba vyarabaye!none donald trump si president?ntazotwara?amatora azosubirwamwo s?nyabuna na CIA yari kwiceceker kuko berekany ubushobozi bwa PUTIN.erega america igiritwarw n’uburusiya rero?hahahaha,nimuduh inkuru zikwiy kuribyo bintu

  • Nibahigane,obama,na,putin,nabagabo,gusa.Bose,bafise,ibihugu,vyihangange,gusa.Mugabo,intambara,ya3yisi,yose,igira,yaduke,muragbe!!Abo,kwisi,yose,nimrye,mutekera.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.