IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Amakuru > Intwaro ibereye > Anicet NIYONGABO : «Ibitigiri vy’amoko bisabwa n’ibwirizwa nshingiro mu (...)

Anicet NIYONGABO : «Ibitigiri vy’amoko bisabwa n’ibwirizwa nshingiro mu rwego rw’igisirikare n’igiporisi birubahirijwe »

Friday 14 September 2018, by vianney

Ivyo yabishikirije mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuruno wa kane igenekerezo rya 13 Nyakanga umwaka wa 2018,aho yariko atanga ikiganiro kubijanye n’amashirahamwe yo hanze y’igihugu akorera mu Burundi.

Umukenguzamateka Anicet NIYONGABO yavuze ko mu bikorwa vy’inama nkenguzamateka bijanye no kwishikira ku kivi,basanze mu gisirikare no mu giporisi ibitigiri bisabwa n’ibwirizwa nshingiro mu kwinjiza mu rizo nzego vyubahirijwe.

Anicet NIYONGABO yavuze ko basanze mu giporisi abahutu barenga ibice 50 kw’ijana kugira banganishe ibitigiri bisabwa baca binjiza abatutsi benshi ku ncuro ikurikira kugira ibitigiri bije k’urugero rumwe nurw’abahutu.

K’uruhande rw’igisiriake ,uyo mukenguzamateka yavuze ko naho nyene basanze abatutsi barenga ibice bisabwa ariko mu nzira yo kunganisha ibitigiri bisabwa naho nyene ku ncuro ikurikira baca binjiza abahutu basumba abatutsi mu ntumbero yo kubashira k’urugero rumwe.

Anicet NIYONGABO yavuze ko bishika bakisunga ibitigiri vy’abakukuruka murizo nzego kugira ibisabwa n’amategeko mu rizo nzego mu kwinjiza bigume vyubahirijwe.


IGIHE

Forum posts

  • ivyo bitigiri mwisunga sivyo namba abarundi bose barangana imbere y’amategeko,ku burenganzira ku gihugu, ni babe 50% mu gisirikare n’igipolice, hamwe no mu kazi, kuko abahutu ni benshi muri leta,no poste zikomakomeye muri leta bangane 50%, hama mureke kuguma mwica ,mufunga intwazangabo z’abatutsi n’abandi batavuga rumwe na CNDD, munywanishe abarundi bose,bakorera igihugu n’abarundi bose.

  • chef d’etat major,Ministre wa defense umukuru wa police,umukuru w’urwego rujejwe iperereza bose n’abahutu none wumva ngaho abahutu n’abatutsi bangana ivyo n’ubuhenda abana vyose bigombe bihinduke si non ntaho abarundi turiko turaja.

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.