IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Baratuza:’’Umutekano wifashe neza ku mbibe z’Uburundi’’

Baratuza:’’Umutekano wifashe neza ku mbibe z’Uburundi’’

jeudi 29 Kigarama 2016

Umuvugizi w’igisirikare c’Uburundi Colonel Gaspard BARATUZA amenyesha ko umutekano wifashe neza hagati mu gihugu no ku mbibe Uburundi buhana n’ibindi bihugu.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uyu wa kane igenekerezo rya 29 Kigarama 2016, Gaspard Baratuza yavuze ko igisirikare c’Uburundi nica Republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo bikorana neza.

Gaspard Baratuza yavuze ko kandi ata musirikare w’Uburundi yaguye mu gihugu ca Republika iharanira intwaro Rusangi ya Kongo, ariko ko ari abasirikare batorotse igisirikare c’Uburundi bariko bagerageza kwinjira ngo batere Uburundi bakaraswa n’abasirikare ba Kongo.

Umuvugizi w’igisirikare c’Uburundi yaboneyeho n’akaryo ko kubeshuza amakuru yaciye kuri Radio Okapi ivugira mu buseruko bwa Republika iharanira intwaro Rusangi ya Kongo, hamwe n’iradiyo y’abafaransa RFI ,yavuga ko hario abasirikare b’Uburundi baguye ku butaka bwa Kongo.


IGIHE

Messages

  • Ariko uyo muntu mumugarukanye gute ga bantu mwe,jew ndamubonye umutima uca uhagarara,n’umubeshi ruhebwau ubuho baheruka kumwirukana muri Munisca mukubesha arusha abapfuye n’abakiriho kugira yihore

  • Ko mutavuga ko Willy Nyamitwe yahungishirije Umugore n’Abana muri USA?ayo mahoro arihe ko mutangiye guhunga?

  • mwizina rya YESU gobera, waturamakosha gusa. hababaye umuvyeyi yaburiyeyo wamukoshiwe

  • Mon Colonel Baratuza, ndagukunda niwirambire mugihugu cawe/cacu camavukiro.

  • gaspar baratuza nakomere kuk,umutekano dufi tuwukesha Imana bo nubutwari nubukerebuts bwingabo zigihugu. nayo abo batorots,igisoda cuburundi bazohera nkifu yimijira

  • nukuri iyo shobuja atemera kifungurwa zabuze umwana amubazako tutabona ishashe igaragara tumenyeko waguze isashe ugomba gusuma rero uwuhora nuyo ariko uwurira nuwabuze

  • ABARUNDI UKO DUTEYE NTITWIGERA TUVUGISHA UKURI KAZIMA WEMERA NABO MWITAKO BATOROTSE HAMA BAKARASWA ! MBEGA MWEHO MWABIMENYE GUTE KO BARASHWE ?

  • Komera mutama Col BARATUZA abonabashaka ko turyana twebwe ingabo zigihugu turi maso umwanya wose uvyuye izuru nugucakira

  • ABARUNDI UKO DUTEYE NTITWIGERA TUVUGISHA UKURI KAZIMA WEMERA NABO MWITAKO BATOROTSE HAMA BAKARASWA ! MBEGA MWEHO MWABIMENYE GUTE KO BARASHWE ?

  • Hhhhhhhh hanyuma mu kanya umuvugizi wa police y’Uburundi aratubwira Ko u Rwanda ruteza umutekano mucye, mu kandi kanya umuvugizi wigisirakare ati umutekano Ni wose mu gihugu hagati nimbibi zacyo. Ko numva harimo kwivuguruza no kubuguruzanya hagati yi nzego ebyiri zishinzwe umutekano?

  • TURASAVYE TWEBWE ABANYAGIHUGU MUTUREKURE TUJE KUBIRONDERERA IZONYANKA BURUNDI NIMBA ZIHARI .

  • Epe Bivuge Ubisubire Umutekanoturawufise.Abakwankabakwandureko.Ahubwodufisizara.Kandizohera.

  • Nimukorane Neza Nigisirikare Cakng Mubatuze Izo Njavyi Natwe Abanyagihugu Turinyuma Yanyu.

  • Abakwanka Nibakwandureko Yataba Aruko Mwitanga Mutiziganya Uburundi Buba Bwara Hindutsebukitwa Nirindizina ! Imana Ihabwe Amashimwe Yongerereze Ubwenge Ninkomezi Nubwi Tonzi Ingabo Zacu !

  • Bwasindumuja hano nbwobwatanguye kwandika butukagura nyenixubahiro Baratiza uburero baratuza kabuzeko umutekano ariwose bucabukwakwanya bwegeranye amahera yogucangira canke ayobuZoha abafasha huhugabanya umutekano mubueundi ubinako iyobutamenye amaraso yabarundi ucisanga iyoburi mu Rwanda nomubunirigi bwijiriwe, sha muZokwica murihekurekura ntibirimwo .

  • Uwo Mutama Ni Intwari,abasi Ntaho Bazomuca.

  • Ababa n abagore b abategetsi ko bataba mu gihugu gifise umutekano ntangere

  • AHUBWO UWO MUVUGIZ W’IGISIRIKAR SINIBAZA KO ARIKO AKORA ICO YASHINZW NABANDANY KUBESHA NIVYO VYIW

  • Sha ndakwemeye kurumubeshi abikwiye kabisa!! none kubesha mukujabuka mugenda murikongo mwagenda abarundi tubona, mukugaruka mwagaruka tubona muriko murakubitwa nkibwa yivyi nyama, twariko turarorera uburyo mwakubitwa, ngo nabatoratse igisoda! mbesha mugisoda hotoroka rirya sinzi mwari mwatumye muri kongo, hagasigara abahe? vugishukuri komwakubititse mugashaya. Nejo ntimuzosubire guhenda ubwobusoda hamwe nizombonerakure ngobasubire kwiyahura, noneho birazwi kumugabo mukurira kwiwe avugabenuko.

  • UWO AVUGA NGO NUMUBESHI MURUGO IWE ARATUNGANYA IVYO MUGOVYOSE NTAWIDOGA?. UMWEWESE AMUHA ICO YIFUZA INTASHIMA NIZONKWEZI (...............)

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.