Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Berlin : Uwagirizwa igitero cabaye avuka muri Tunisia - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Berlin : Uwagirizwa igitero cabaye avuka muri Tunisia

Berlin : Uwagirizwa igitero cabaye avuka muri Tunisia

jeudi 22 Kigarama 2016, par Egide NDUWIMANA

Igipolisi c’Ubudagi kibandanya kurondera umuntu bivugwa ko aturuka muri Tunisia, akaba ariwe akekwa ko yakoze igitero cabereye mw’isoko ya Noweli, mu gisagara ca Berlin.

Uruhusha rw’agateganyo rw’ukwubguruza imodoka rwatowe musi y’intebe mw’ikamyo yagonze abantu aho i Berlin rwanditseko ko uwo mugabo yitwa Anis A, yavutse mu mwaka w’1992 mu gisagara ca Tataouine. Igipolisi kiriko gikora amatohoza akomeye mu ntara ya Rhine-Westphalia, aho urwo ruhusha rwatangiwe.

Abagira amatohoza bavuga ko uwo akekwako ubwo bwicanyi yoba yarakomeretse ariko aragwana n’umudereva w’iyo kamyo.

Kuri uwu wa kabiri, igiporisi cararekuye umuntu umwe yari yafashwe, kivuga ko ata cemeza ko afitaniye isano n’ico gitero cahitanye abantu 12. Uwo yari yafashwe azwi kw’izina rya Naved B, aturuka mu gihugu ca Pakistani, akaba yarahakanye ko ata sano na rito afitaniye n’ico gitero.

Umurwi ugendera ku vyiyumviro vya Islamu Islamic State (IS) wavuze ko umuntu umwe wabo ariwe yakoze ico gitero, ariko ntiwatanga ivyemezo.

Imodoka yo mu bwoko bwa "Camion" yiraye mu bantu benshi bari mu kaguriro ka Noweli mu gisagara ca Berlin, mu gihugu c’Ubudagi, yica abantu bagera kuri 12 abandi baharurwa muri 48 barakomereka bikomeye.

Iyo modoka "Camion" basanze ifise ibiyiranga vyo mu gihugu ca Pologne, n’uwariko arayunguruza akaba ari umudereva wo mu gihugu ca Pologne. nawe nyene ari muri abo bapfuye.

Nyene ikigo iyo modoka yakoreramwo, Ariel Zurawski, yabwiye imboneshakure yigenga yo muri Pologne, TVN 24, ko iyo modoka yari itwaye ivyuma vy’ubwubatsi, akavuga ko ishobora kuba yaragonze abo bantu kubw’isanganya.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.