IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Amakuru > umutekano > Bubanza: Abana babiri bariwe n’imbwa z’ishamba

Bubanza: Abana babiri bariwe n’imbwa z’ishamba

Wednesday 31 January 2018

Pierre NKURIKIYE avugira ubushikiranganji bw’umutekano, amenyesha ko ivyo vyabereye muri segiteri Rugazi, Komine Rugazi, intara ya Bubanza, aho imbwa 10 z’ishamba zakomerekeje abana ku bihimba vy’umubiri.

Pierre NKURIKIYE avuga ko muri abo bana babiri umwe zamuriye kw’itama no kw’itako, uwundi zimurya ku kuboko no ku maguru.

Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano, amenyesha ko hejuru y’abana bakomeretse, izo mbwa zariye kandi impene zibiri n’intama zibiri.


MUGISHA Van Naris

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.