IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Bubanza : Abanyororo babiri batorotse ibohero rikuru

Bubanza : Abanyororo babiri batorotse ibohero rikuru

mardi 7 Munyonyo 2017, par Egide NDUWIMANA

Abatorotse ibohero ni Tangishaka Jean Bosco batazira Hassan w’imyaka 26 hamwe na Nijembere Ézéchiel batazira MADRED w’imyaka 35.

Umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi, Petero NKURIKIYE, amenyesha ko abo banyororo buriye ku mpome, batoroka mu mvura. N’aho abaporisi bacunga ibohero rikuru rya Bubanza barashe amasasu bariko bagerageza kugarukana abo banyororo, ariko biba impfagusa, kuko batabafashe.

Abo bapfungwa bari bagirizwa ko aribo bishe umuporisi azwi kw’izina rya GAHUNGU Leonidas wo ku kurindiro co ku Muzinda, mw’ijoro ryo kw’igenekerezo rya 15 Munyonyo 2015. Urubanza rwabo rwari rugeze muri Sentare isubiramwo imanza i Bujumbura.

Mu giporisi bamenyesha ko babandanya kubarondera.

Iryo bohero rikuru rya Bubanza rimaze iminsi idashika ku ndwi zibiri rirongowe n’umuyobozi mushasha, Kaneza Clarisse, uwo akaba yafashe ikibanza cahoramwo IRAKOZE Yves Kevin apfungiwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba i Bujumbura.

Uwahora ari umuyobozi w’iryo bohero, IRAKOZE Yves Kevin abarizwa mw’ibohero rikuru rya Mpimba yagirizwa ko atorokesha abanyororo bakora ivyaha hanze y’ibohero. Yatawe muri yompi inyuma y’aho umunyororo yari yahaye uruhusha rw’ugusohoka afashwe hanze y’ibohero ariko agura inkoho.


Egide NDUWIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.