IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Musigati: Umupori yishwe n’umurwi w’abantu bitwaje imipanga

Musigati: Umupori yishwe n’umurwi w’abantu bitwaje imipanga

mardi 27 Ruheshi 2017

Uwo muporisi yitavye Imana azwi kw’izina rya Cyprien NGENDAKURIYO yari asanzwe akorera ku kirindiro kiri kuri posita iri ku murwa mukuru wa Komine Musigati.

Amakuru ava i Musigati amenyesha ko Cyprien NGENDAKURIYO yishwe n’abantu batanu hakoreshejwe umupanga bari bitwaje, imbere y’uko bamutwara inkoho, mu gihe yari acunze umutekano.

Umuvugizi w’igiporisi Pierre NKURIKIYE yemeje ayo makuru, aho yavuze ko abantu bataramenyekana bishe umuporisi APC NGENDAKURIYO Cyprien yakorera kuri posita ibika amafaranga iri kuri komine Musigati babanje kumukerera.

JPEG - 71.2 ko
Pierre NKURIKIYE umuvugizi w’igipolisi c’Uburundi

Yavuze ati :« Nk’igihe c’ isaha indwi z’ijoro niho kuri posita izi babikamwo amafaranga yo kuri komine Musigati iri mu ntara ya Bubanza inkozi z’ikibi zagandagura umuporisi asanzwe akorera kuri iyo posita, bamugandaguye bamukereye bongera baca bamwiba inkoho yari afise

Pierre NKURIKIYE avugira igiporisi c’Uburundi avuga ko kiretse inkoho y’uwo muporisi yibwe, kuri posita ata kindi kintu na kimwe cibwe, ariko ko ayandi makuru azomenyekana inyuma y’amatohoza azokorwa kuri urwo rupfu.

Umuvugizi w’igiporisi amenyesha ko abantu batatu bamaze gufatwa ku mvo z’amatohoza, muri abo bafashwe harimwo abanyezamu babiri.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.