Accueil > Amakuru > Ubutungane > Bubanza : Uwagirizwa urupfu rw’umwana na nyina yashikanwe mw’ibohero
Bubanza : Uwagirizwa urupfu rw’umwana na nyina yashikanwe mw’ibohero
mardi 18 Gitugutu 2016, par
Umugabo w’imyaka 49 yagirizwa ko ariwe yishe akereye umugore wiwe hamwe n’umwana wiwe w’imyaka ibiri apfungiwe mw’ibohero rikuru rya Bubanza. Amatohoza y’inyamiramabi avuga ko uwo mugabo azwi kw’izina rya Ryankaribona Martin yishe umugore wiwe Beatrice Barakamfitiye, kuko yari yamwankiye kugurisha itongo ry’umuryango.
Barakamfitiye Beatrice yahora aba mu kigwati c’abateshejwe izabo muri komine Rugazi, mu ntara ya Bubanza, yishwe aciye umutwe, mu gatondo ko ku munsi w’Imana. N’umwana w’imyaka ibiri yari ahetse yaratemaguwe n’umupanga, abamwishe nawe bakaba bamukereye izosi.
Abantu babiri nibo baciye bafatwa kuri uwo munsi nyene, abo nabo akaba ari umugabo w’uwo mukenyezi, bikavugwa ko bari basanzwe babanye nabi, mbere akaba yahora yama ahiga ko azomwica. Uwundi yafashwe ni umwana w’uwo mukenyezi yishwe, uwo nawe akaba ari umusore yiga mu mashure yisumbuye. Inyuma y’amatohoza, uwo musore yararekuwe, se wiwe niwe ari mw’ibohero yagirizwa ubwo bwicanyi.
IGIHE
Messages
18 Gitugutu 2016, 10:38, par barikukivi
Dushimye komwarekuye uwomwana uwomugabo nivyamwagiraneza mumwambike amapingu kumavya arabikwiye. nakadege atacomwamuziza!! mwarayamwambitse kumavya
21 Gitugutu 2016, 08:06, par Toto
Turashima uwomwana mwarekuye, kuko umwana wumuhungu ukugene usanga akunda nyina ntiyokubahuka kuzimanganya ubuzima bwumuvyeyi. Uwomugabo nacirirwe urumukwiye, bishobotse amanikirwe isuka, kuko iryotongo yabuzwa kudandaza sinyiwe ryari, iryumuryangooo.