IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Bubanza : Uwagirizwa urupfu rw’umwana na nyina yashikanwe mw’ibohero

Bubanza : Uwagirizwa urupfu rw’umwana na nyina yashikanwe mw’ibohero

mardi 18 Gitugutu 2016, par Egide NDUWIMANA

Umugabo w’imyaka 49 yagirizwa ko ariwe yishe akereye umugore wiwe hamwe n’umwana wiwe w’imyaka ibiri apfungiwe mw’ibohero rikuru rya Bubanza. Amatohoza y’inyamiramabi avuga ko uwo mugabo azwi kw’izina rya Ryankaribona Martin yishe umugore wiwe Beatrice Barakamfitiye, kuko yari yamwankiye kugurisha itongo ry’umuryango.

Barakamfitiye Beatrice yahora aba mu kigwati c’abateshejwe izabo muri komine Rugazi, mu ntara ya Bubanza, yishwe aciye umutwe, mu gatondo ko ku munsi w’Imana. N’umwana w’imyaka ibiri yari ahetse yaratemaguwe n’umupanga, abamwishe nawe bakaba bamukereye izosi.

Abantu babiri nibo baciye bafatwa kuri uwo munsi nyene, abo nabo akaba ari umugabo w’uwo mukenyezi, bikavugwa ko bari basanzwe babanye nabi, mbere akaba yahora yama ahiga ko azomwica. Uwundi yafashwe ni umwana w’uwo mukenyezi yishwe, uwo nawe akaba ari umusore yiga mu mashure yisumbuye. Inyuma y’amatohoza, uwo musore yararekuwe, se wiwe niwe ari mw’ibohero yagirizwa ubwo bwicanyi.


IGIHE

Messages

  • Dushimye komwarekuye uwomwana uwomugabo nivyamwagiraneza mumwambike amapingu kumavya arabikwiye. nakadege atacomwamuziza!! mwarayamwambitse kumavya

  • Turashima uwomwana mwarekuye, kuko umwana wumuhungu ukugene usanga akunda nyina ntiyokubahuka kuzimanganya ubuzima bwumuvyeyi. Uwomugabo nacirirwe urumukwiye, bishobotse amanikirwe isuka, kuko iryotongo yabuzwa kudandaza sinyiwe ryari, iryumuryangooo.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.