IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Bujumbura : Abanyeshuri ba Kaminuza Lumière bahagaritse ivyigwa

Bujumbura : Abanyeshuri ba Kaminuza Lumière bahagaritse ivyigwa

jeudi 22 mars 2018

Amakuru ava kw’ishuri Kaminuza Lumière, amenyesha ko mu gatondo abanyeshuri bazindutse baja mu masomero nk’uko vyahora, ariko baca babona bagenzi babo biga mu gisata cigisha ubuhinga bwo kwubaka baje kubasohora.

Abo banyeshuri bo mu gisata cigisha ubuhinga bwo kwubaka,bavuga ko bariko bagaragaza akababaro kabo, kuko bamaze imyaka ine bahejeje ivyigwa ariko n’ubu batararonka impapuro z’umutsindo.

Abanyeshuri twavuganye, bamenyesha ko ikibazo cabo gihagaze ku ngingo y’ubushikiranganji yo kutemerera igisata cigisha ubuhinga bwo kwubaka kuri iyo kaminuza, bwisunze ko ata bikoresho bihari bifasha abanyeshuri, gushira mu ngiro ivyo bize.

Abanyeshuri bemeza ko ikibazo kizwi n’ubuyobozi bwa kaminuza kuva kera, kandi ko ubuyobozi bwagumye bubizeza ko bobandanya kwiga, kuko kizotinda kigatorerwa inyishu mu bushikiranganji, ariko amaso ahera mu nzira.

Twagerageje kurondera ubuyobozi bwa kaminuza Lumière, ariko ntitwashoboye kubaronka, ngo bagire ico bashikirije.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.