IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Bujumbura : Ibidandazwa vyari bibitswe mu nzu Makelele vyahiye (...)

Bujumbura : Ibidandazwa vyari bibitswe mu nzu Makelele vyahiye biratokombera

samedi 5 mai 2018

Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano no gukinga ibiza, Pierre NKURIKIYE, amenyesha ko uwo mucanwa wadutse nk’igihe c’isaha imwe z’ijoro, uturira ubwo bubiko bwarimwo ibintu bigizwe ahanini n’ibifungurwa.

Pierre NKURIKIYE avugira ubushikiranganji bw’umutekano no gukinga ibiza, avuga ko abajejwe kuzimya bahashitse kare, naho basanze ivyari muri ubwo bubiko vyamaze gusha vyose.

Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano no gukinga ibiza, yemeza kandi ko abajejwe kuzimya baciye bakinga kugira ubundi bubiko bwegereye aho ntibufatwe n’umuriro.

Pierre NKURIKIYE avuga ariko ko gushika ubu, icatumye uwo muriro waduka kitaramenyekana.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.