IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Bujumbura : Ibitenge hafi 550 vyafashwe n’igiporisi

Bujumbura : Ibitenge hafi 550 vyafashwe n’igiporisi

mardi 15 Myandagaro 2017

Icegera c’umuvugizi w’igiporisi Moise NKURUNZIZA amenyesha ko ivyo bitenge vyafashwe nk’igihe c’isaha umunani z’ijoro hagati y’ikibaza bita kuri Lacoste no kwa Ntembagare muri quartier ya Kibenga, iri ku nkengera z’ikiyaga Tanganyika, bihejeje gukurwa mu bwato bwari buje buva mu gihugu ca Republika Iharanira Intwaro Rusangi ya Kongo.

JPEG - 34.4 ko
Moise NKURUNZIZA,icegera c’umuvugizi w’igiporisi

Moise NKURUNZIZA amen yesha ko kubera ugukorana neza hagati y’abajejwe umutekano n’abanyagihugu imodoka zibiri zaciye zifatwa,imwe muri izo yarimwo ibitenge iyindi nayo yakora igikorwa co gukizura kugira bamenye aho bacisha ivyo bidandazwa.

Icegera c’umuvugizi w’igiporisi avuga ko banyene ivyo bitenge bataramenyekana kuko bamaze kubona ko ivyabo bifashwe baciye basubira inyuma n’ubwato, ariko agasaba abagikora urudandazwa rwa magendu kubihagarika, kuko inzira zose zicamwo ibidandazwa vyamegendu zimaze kumenyekana.

Ku ruhande rwiwe,komiseri mukuru w’ikigo gitoza amakori OBR Audace NIYONZIMA arashima igikorwa kiriko kirakorwa n’abajejwe umutekano bari kumwe n’abakozi ba OBR, hamwe n’abanyagihugu mu gutuza urudandazwa rwa magendu.

Audace NIYONZIMA arongoye ikigo OBR amenyesha ko ba nyene ivyo bitenge vyafashwe bafise ikiringo c’ukwezi kumwe kugira babe baje gusaba ivyabo, ariko ko kugira babironke bazoriha amatagisi bakariha kandi n’ihadabu ingana n’ibice 50 kw’ijana vy’agaciro k’ivyo bitenge.

JPEG - 32.3 ko
Audace NIYONZIMA,Komiseri mukuru wa OBR

Umuyobozi w’ikigo gitoza amakori n’amatagisi OBR, Audace NIYONZIMA ahamagarira abadandaza bose gucisha ibidandazwa vyabo mu nzira zizwi n’amategeko,kuk mu gihe bobandanya gucisha ibidandazwa mu nzira za magendu bizotuma bahomba.

Hari haheze hafi indwi imwe, ibindi bitenge vyababa 150 bifatiwe muri ico kibanza nyene kiri ku nkengera z’ikiyaga Tanganyika.


MUGISHA Van Naris

Messages

  • dushimiye abafashije bose gutanga amakuru hamwe n’abashinzwe umutekano eka n’abakozi ba OBR bafashije kugira ivyo bitenge bifatwe.N’akamaramaza igihugu cari kihahombeye.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.