IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Bujumbura-Rural : Abantu babiri bapfiriye mw’isanganya ry’imodoka yo mu bwoko (...)

Bujumbura-Rural : Abantu babiri bapfiriye mw’isanganya ry’imodoka yo mu bwoko bwa Probox

lundi 25 décembre 2017

Iryo sanganya ryabaye nk’igihe c’isaha icumi na zibiri n’igice kw’ibarabara ry’igihugu RN1 riva mu gisagara ca Bujumbura, rigana intara ya Ngozi.

Umuvugizi w’igiporisi Pierre NKURIKIYE abicishije ku rubga rwa Twitter yemeje ayo makuru, akaba yamenyesheje ko abantu babiri aribo bitavye Imana, uwo mwanya nyene.

Ryabaye isanganya rya kabiri rikomeye ryabaye kur’uyu w’Imana, inyuma y’irindi ryabereye mu ntara ya Bujumbura Rurarl nyene, kw’ibarabara ry’igihugu RN7, aho imodoka y’ishirahamwe OTRACO yatembagaye, abantu indwi baritaba Imana, 47 nabo barakomereka.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.