IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Bururi : Inkoho yafatiwe ku rugo rw’umunyagihugu yahora mu giporisi

Bururi : Inkoho yafatiwe ku rugo rw’umunyagihugu yahora mu giporisi

lundi 24 Gitugutu 2016, par Egide NDUWIMANA

Abajejwe umutekano bafashe mu gatondo ko kuri uwu w’Imana inkoho yo mu bwoko bwa Kalashnikov iri kumwe n’igikono cayo cuzuye amasasu, umwambaro umwe w’impuzu z’igiporisi hamwe n’umwambaro umwe w’ibirato vy’igiporisi.

Ivyo bikoresho vy’abajejwe umutekano vyafatiwe muri komine Vyanda, intara ya Bururi, ku rugo rwa Pascal NDAYIRAGIJE, asanzwe ari umukukuruke mu giporisi c’Uburundi, nk’uko vyemezwa na Musitanteri wa komine Vyanda.

Abajejwe intwaro muri iyo komine bamenyesha ko uwo Pascal NDAYIRAGIJE atashoboye gufatwa, kuko abaporisi bari baje kumusaka batamenye n’aho yaciye.

Abo bajejwe intwaro basaba abanyagihugu batunze ibikoresho vy’igisirikare n’igiporisi, kubishikiriza abajejwe umutekano n’intwaro, ku neza y’umutekano wabo.


IGIHE

Messages

  • Iyo niyo mwatwayeyo Ngo mukunde mumuremeke ibara mubone uko mumugandagura kuko ntawundi mugambi mufise Atari uguhonya uwowese mwiketse ko adashigikiye icokiringo ca gatatu cinkoramaraso caje guteranya abarundi ariko mwahenzwe nabi ntamaraso yabantu azogenda yijanye nimpaka mwishuye kurayo mahano

  • izo ni zantumva nk’aba nya mugamba nubu zitarumva nka neza,ahubwo yari afis umugambi mubi,ntabe yaguma hamwe akareka kwiruka?yitoye ikosa.

  • Iyo ntagondwa bayibaze icyo yashakaga gukoresha iyo nkoho.

  • Izonkinamico zanyu ariko ntimwozigeza aho,kwama mutegura ubuntu bw’ubugugu mu gihugu kurimwo incabwenge ivyo vyose ntibizopfa vyemewe ahubwo gerageza mwitegurire kubibazwa mureke kuza murakina utureresi mu bantu

  • Non uwo munyagihug yagomba ayikoreshe ik?vyizayoshwe yariguhanwa.kuko yovyigisha aband.

  • Murabesha mwabamenjamwe ! iryo nirementanya mwateguye, iyo nkoho mwayizanye mwijoro, hamwe nivyo vyambarwa mubirunda kurugo rwiwe ngonivyiwe. Ivyo mwabiteguye kera yuko muzoruhuka mwomoye uwitwa wese koyahoze mugisoda cakera, reka abantu bagazwa, twarabuze abategetsi botwara uburundi mumahoro.

  • @nzoyihera mujeri . !!! Uri umuti wamenyo nka mujeri nkuru Buyoya. Uzihera koko. Hekenya impengere z’i Mahama maze uturike .

  • Ewe sha Rukoco, iyuba waruzi iconzi ntiwari kuvuga, ngo mpekenye impengeri! uririra wewe nabawe. mbewibaza uwandika wese kubitagendaneza ngaha muburundi, rwabari mahama ?. nuko ntazi ahutumbeye noje kugutora nkagushikana haniwacu kumukaza, nkakugabaniriza kwizo mpengeri, kandi zompengeri zironka umugabo. kuvugivyanyu naho nzobandanya ndabivuga kugeza kumwisho.

  • Yooo!Uwo Munyakibi Yagomba Kumara Abantu Nimumanike Mumuciye Umutwe Abe Icapa Abandibanyakibi Ababere Akarorero

  • AHUBWO UMUNTU AKUKURUTSE VYOSE ARASHIKIRIZA .NONE WUMVA ATARI CA KIVYAGWA CA BIRORI KIJA KIRAHENDA ABO BAJA BIWE?UWO NAWE AVUGA IMPENGERI AHUBWO NTACO AZI YABA YARAKIZI YOVUZE MAKE .UMUNTU ATAKIRI MU BURUNDI ARATOMBOYE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.